Tumenye Pallium ; ikimenyetso bita istola y’icatabugabo.

Written by on décembre 21, 2018

Tumenye Pallium ; ikimenyetso bita istola y’icatabugabo.

Pallium twita kandi icatabugabo mu kirundi bifise amamuko mu gihugu c’Ubugereki.

Ni Inyambaro yakoreshwa n’Abami batwara ibihugu vyo mu buseruko ( nka Turkiya) kugira berekane ko hariho ubudasa hagati yabo n’abandi bantu basanzwe (abacivile) kugira berekane ubukuru bwabo bikaba vyatanguye mu kinjana ca gatanu gushika mu kinjana c’icenda inyuma ya Yezu Kristu. (5-9é siècle Ap J.C)

Uwa mbere yaronse ico kimenyetso Muri kahise ni umwepiskopi  yitwa Cesaire atwara intara ya mu mwaka wa 513 ,mu mwaka wa 559 Musenyeri Tormino ,umwaka wa 570 Papa Petero wa 3, Papa Gregori wa 1 yarahaye Abepiskopi bo mu butaliyano Abepiskopi nka Salome,Corente,Seville,…

Kwambara icatabugabo rero vyajana n’ukurahira ko ucambaye azokorana neza na Papa bagakorana mu bumwe. Icatabugabo kandi Kigenewe gusa abepiskopi bakuru bemeza kugamburukira Umwungere w’Ekleziya.

Ikimenyetso carahawe Kardinale aserukira abandi yitwa Doyen n’abandi bepiskopi  bake

Nko mu mwaka w’i 1978 Papa Yohan Pawuro wa mbere yashatse ko hakoreshwa ikimenyesto kimeze nk’urugori rwitwa Tiyali gushika kuri Papa Paul wa 6 yamara Papa Jean Paul II yasubirije ikimenyetso Pallium ngo yerekane ko atanguye icese ubutumwa nk’umusubirizi wa Petero mweranda.

Tukaba tuzi ko Papa asoma imisa yambaye k’umwengere w’Ekleziya Gatolika

Mu bihugu vyo mu buseruko yambarwa nabo twita abapatriarche de l’Eglise de l’occident, Umwepiskopi Mukuru wa diocese mu gisagara ca roma.

Mu mwaka wa 2015 Papa Fransisko yashinze ko ikimenyetso c’Icatabugabo gihora gihezagirwa ku wa 29 Ruheshi  i Roma na Papa  kizoshikirizwa n’Intumwa ya Papa amuserukira mu gihugu akagishikiriza umwepiskopi ighugu kigokoranye .

 Twovuga ko Icatabugabo ari Agahuzu k’inyambarabami kagerekwa k’umutamana canke istola y’icatabugabo.

Mu Burundi abepiskopi batandatu nibo bamaze kuronka iyo stola y’Icatabugabo :

  • Uwa mbere ni Musenyeri Antoine.
  • Uwa kabiri ni Musenyeri MAKARAKIZA.
  • Uwa gatatu ni Musenyeri Yohakimu RUHUNA.
  • Uwakane ni Musenyeri Simon NTAMWANA.
  • Uwa gatanu ni Musenyeri Evarist NGOYAGOYE.
  • Uwa gatandatu ni Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA akaba abaye uwa kabiri I Bujumbura.

Icatabugabo rero ni Istola y’amasonga atatu bambara ku gikiriza,ku bitugu,akamanuka gushika inyuma ku ruti rw’umugongo. Iyo stola igashikirizwa abatwara intara y’ubutumwa (province eklesiastique) .

Abandi basanzwe bambara ico kimenyetso akaba ari Abepikopi baserukira intara, ibisagara bikomakomeye nka milano (Italie), Torede (Espagne), Cardinali arongoye igisagara ca Venuse havuka Papa Pio wa 10, igisagara ca Lion (France), new york, Argentine, ahenshi haba hari aba cardinali benshi baserukira Papa mu gihugu.

Radio Maria Burundi izogushikiriza ikibiriraho (en direct) ibirori hamwe n’inkuka y’Imisa bizobera muri Cathédrale Regina Mundi Igenekerezo rya 22-12-2018, isaha zitatu n’igice. Abakunzi b’urubuga ngurukanabumenyi (page facebook) rwa Radio Maria ntimuzotangwe kuraba amafoto hamwe n’ibiyagwa.

——————————————-

Eric Vico BAYUBAHE

 

 

 


Current track

Title

Artist

Décrire l'application pour téléphone Android ou Apple