Mariathon ukwezi kwose kwa Ruheshi

Written by on juin 8, 2018

Ukumenyesha

Bakunzi ba Radio Maria Burundi Inyuma y’amagenekerezo ya 1,2,3 Ruheshi 2018 duhamagariwe gukora Mariathon ku ma paroisse iwacu , nubu Mariathon irabandanya uku kwezi kwose kwa Ruheshi. Iciza nuko Tworonsa akaryo kuri uwo wese abishaka kwitaba ico gikorwa c’iteka kuri abo bose bashaka kuterera mu kumenyesha inkuru nziza ishike kure.

Kuri abo bose bataratangura Mariathon kw’i paroisse iwabo umwanya wo kuja muri ico gikorwa ca Mariathon uriho. Akarorero Umusi mukuru w’isakramentu ryeranda watumye abandi bigiza imbere ayo magenekerezo nka Cathédrale ,Mont Sion ,… nubu rero Mariathon irabandanya kuko ari ukwezi kwose. Akanyamuneza ko kumenyesha inkuru nziza bitubera twese umugambi duteze imbere isamirizi yacu.

Dukutse ikivi c’umuvyeyi wacu Bikira Maria mu vyacu n’abacu, turonse insamirizi yiwe aho ikorera yongere yumvikane aho itarashika (Inanzerwe,Birime). Ndashobora guterera : amafaranga,ivyimburwa,ibitungwa,ibikoresho,..

Tanga intererano yawe, wewe ukunda Radio Maria Burundi kugira iterimbere.

Mariathon umugambi mwiza wo guhezagiza ivyacu abacu n’ivyacu.

Ugutanga Bizana umugisha

Twibuke ko amagenekerezo 14,15,16,17 Ruheshi 2018 Mariathon izobera mu bibanza duhurira hamwe n’abantu benshi ku masoko n’ahandi…

 


Current track
Title
Artist