Mariathon 2018: Akanyamuneza ko kumenyesha inkuru nziza

Written by on juin 1, 2018

AKANYAMUNEZA KO KUMENYESHA INKURU NZIZA

 

Mu myaka mirongo itatu, Radio Maria yarakwiragiye mu mashinga yose (5 continents) kubw’urukundo rw’umuvyeyi wacu Bikira Maria. Uyu musi turi umuryango munini kw’isi yose. Igikorwa co kumenyesha inkuru nziza gifasha ekleziya kwigisha kiremwa muntu.

 

AKANYAMUNEZA KO KUMENYESHA INKURU NZIZA

 

Mariathon kw’isi yose n’igihe gihambaye mu buzima bwa Radio Maria, aho duhamagariwe gufasha n’umutima wacu wose.

Dutegerezwa  gukenguruka ku ngabire umuvyeyi wacu Bikira Maria yaduhaye kandi turangura neza ivyo tujejwe ngo bizane umusaruro mwinshi kandi mwiza. Mariathon itegerzwa kuba akanya k’umusi mukuru kuko Radio Maria ari umuryango munini dusanga mu makungu, nivyo vyaduhaye akanyumeneza ko ko kwitwa abana b’umuvyeyi wo mw’ijuru tukongera tukaba abavukana.

 

Niba Radio Maria mu myaka iheze muri kahise yakwiye amakungu, twabihawe n’urukundo rw’umvyeyi aciye kuri ba bantu batobato bo bakoze mu bworo bwabo kugira ngo bafashanye n’umuvyeyi mu gikorwa c’urukundo hamwe no gukiza imitima. Umuryango wose wa Radio Maria kw’isi yose n’akarorero keza k’abakristu bashaka gufasha ekleziya mu kumenyesha inkuru nziza kiremwa mumtu. Twihweje neza turabona ko ibikorwa vyarangutse kubw’ububasha bw’umuvyeyi gushika uyu musi. Nta numwe yobiciye n’ikanda.

 

Kukaba nkako, impinga iracari ndende cane cane muri Africa na Asia aho umurima ari munini no guhinduka bikenwe cane.  Radio maria ishobora guterera umuganda wayo mu guherekeza Ekleziya cane cane mu gufasha gusamiriza ubutumwa bw’inkuru nziza.

Duhamagariwe  kwama twibuka ko ari umuvyeyi yaduhamagaye ngo tumukorere mu murima wiwe nico gituma muri iyi misi ya Mariathon dusubiye  kwiyemeza gufashanya mu migambi mishasha kugira abandi baronke ivyo twaronse.

 

Patiri wanyu Père Livio Fanzaga

WFRM Directors’ Advisor & Directeur de RM Italia


Current track
Title
Artist