ku wa 21 mukakaro amadiyoseze gatolika atanu yarungutse abasaserdoti

Written by on juillet 23, 2018

Iginekerezo rya 21 mukakaro amadiyoseze Gatolika atanu yaragabanye abasaserdoti bashasha.

Ibirori vyo kwatira abasaserdoti muri ayo madiyoseze  vyakoranije abakristu isinzi ,abanyenicubahiro batandukanye, abaryango, abihebeyimana, abarongozi muri reta, abavuye mu mahanga, abana n’abakuze…

Ivyo birori vyabereye mu paroisse atandukanye birongowe n’umwungere umwepiskopi wa Diyoseze. Mbega hatiwe bangahe muri ayo madiyoseze? Dushimye kubaha igitigiri c’abatiwe  hamwe n’abaronse ibice bigana iryo banga ry’ubusaserdoti.

Igitigriri c’abagabanye ku ma dioyoseze Archidiocèse Gitega: Paruwase Kibumbu

 

Diocèse Ngozi :Paruwase Rwegura

 

Diocèse Ruyigi :Paruwase Butezi

 

Diocèse Bururi :Paruwase Rumeza

 

Diocèse Rutana :Paruwase Rutana

 

Ubusomyi (lectorat) 11 10 11 1 8
Ubukorezi (acolytat) 11 9 10 22 8
Ubudiyakoni (diaconat) 11 4 8 12 4
Ubusaserdoti (presbyterat) 16 4 4 14 5

 Diyoseze nkuru ya Bujumbura na diyoseze Muyinga baratiye abasaserdoti ku wa 14 mukakaro ubu hasigaye diyoseze Bubanza aho izokwatira abasaserdoti igenekerezo rya 25 Myandagaro muri Paruwase Kaburantwa.

Dukengurukire Imana yashatse ko birangukira kuri iryo genekerezo amadiyoseze atanu yose akaramura abasaserdoti bashasha kandi bigenda neza. Twibuke kandi mu gisabisho cacu gusaba  umukama aduhe abasaserdoti benshi kandi beranda aheze abarungike mu murima wiwe nakare ni munini abakozi bakaba bake.


Current track
Title
Artist