Iyatirwa ry’abapatiri babiri mu muryango w’aba patiri ba Schoenstatt

Written by on avril 9, 2018

Umuryango w’abapatiri ba Schoenstatt waraye wungutse abapatiri babiri

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 8 Ndamukiza (8 Avril) niho haba iyatirwa  ry’aba patiri babiri mw’ibanga ry’ubusaserdoti mu muryango w’abapatiri ba Schoenstatt . Iryo yatira mw’ibanga ry’ubusaserdoti ryabereye ku kirimba c’umuvyeyi Bikira Maria ku musozi wa siyoni i Gikungu (Mont Sion) ibirori bikaba vyari birongowe na nyene icubahiro umwungere n’umwepiskopi wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, musenyeri Evaristo NGOYAGOYE arikumwe na nyene icubahiro umwipiskopi wo mu Ruyigi Musenyeri Blaise NZEYIMANA bompi bakikijwe n’abasaserdoti bavuye mu miryango y’abahebeyimana hamwe n’amaparuwase bitandukanye.

Abasasedoti bashasha uko ari babiri ,umwe ni Patiri Léonce NTAKIRUTIMANA avuka muri paruwase ya Muramvya Diyoseze nkuru ya Bujumbura,hamwe na mugenziwe Patiri Christophe Paul Rugamika avuka muri cathédrale ya uvira yitiriwe Paulo mweranda iri mu gihugu ca Republika iharanira intwari rusangi ya congo .

Ivyo birori vyo kwatira abasaserdoti vyari vyitabwe na banyenicubahiro batari bake bo mu nzego zitwara igihugu c’uburundi tutibagiye hamwe n’abakristu isinzi cane cane abavuye muri congo (RDC) bose bari baje gushigikira izo ntore zibiri zari ziramukanye urubanza rw’iteka mu muryango w’Ekleziya Gatolika.

Mw’ijambo ry’umwungere yaragarutse ashimira ikirimba hamwe n’abarongoye umuryango w’abapatiri ba Schoenstatt kw’isi yose ukugene barangura ubutumwa muri diyoseze ya bujumbura yongera ati muri: « amahaha abiri dufise muri diyoseze yacu » (deux poumons du diocèse) ayo mahaha nayo akaba ari ikigo foyer de charité n’ikirimba mont sion. Mu kurangiza yibutsa ko abatiwe bategerezwa kw’itwararika kumenyesha inkuru nziza ya yezu kristu kw’isi yose.

 Harashikirijwe amajambo atandukanye bose bagaruka gukeza abasaserdoti bashasha bati Imana yatanguye ivyiza ibandanye yuhira.

Ku civugo ngo  «  ndi hano ni untume » Izaya 6,8 ; Inkuka ya misa yo kwatira abo basaserdoti yatanguye isaha zitatu n’igice zo mu gitondo (9h30) irangira isaha indwi n’iminota mirongo ine 13h40.

 


Current track
Title
Artist