IMVO ZITANDATU MBI ZIKUNDA GUTUMA ABANTU BASHAKA KWUBAKANA

Written by on août 20, 2018

IMVO ZITANDATU MBI ZIKUNDA GUTUMA ABANTU BASHAKA KWUBAKA

Radio Maria ishimye kubasabikaniriza inyigisho ku misore n’Inkumi bitegura kuzorushinga mu misi iri imbere ngo ntibajane nyabahururu. 
Tubibutse ko ku wa gatanu isaha 16h10 Radio Maria igushikiriza ikiganiro « AHUZOJA NIHO NZOJA » ikiganiro gisubirwamwo ku wa kabiri isaha 21h00 aho ibiro vya Diyoseze bijjwe ingo n’imiryango batuyagira vyinshi bijanye. Tubahaye isango kuri uyu wa gatatu (22/8/2018) mu kiganiro NDANYOTEWE isaha 14h00 aho umuhinga yabinonosoye azotuyagira kubijanye n’inyifato y’urwaruka rwubu nico bokora.

Iki cigwa tugikesha Ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe kubatororokaniriza amakuru no kuyabashikiriza (CEDICOM) ,Radio Maria ikaba ishimye kubigushikiriza ngo turererimana twubakire kuri kristu Yezu.

IMVO ZITANDATU MBI ZIKUNDA GUTUMA ABANTU BASHAKA KWUBAKANA
————————————————————————————————————-

Bakundwa b’Umukama; mu gihe amezi y’ici ari yo imisore n’inkumi bakunda kugiramwo imanza z’ubugeni, ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe kubatororokaniriza amakuru no kuyabashikiriza (CEDICOM) cashimye kugaruka ku mvo mbi zikunda gutuma abantu benshi bafata ingingo y’ukwubaka izabo, kuko tuzirikana ko mu gihe imvo zibaye mbi, umuntu aca yitega ko n’urugo rutoheza ngo rube rwiza.

Kukaba nkako, nimba muri iyi misi hari ingo nyinshi zigoyagoya, mbere zikarangiza zahukanye, birava ahanini ku mushinge w’urugo, ni ukuvuga ku mvo yakweze uyu canke uriya ngo afate ingingo y’ukwubakana n’uwo babana ubu, canke uwo ariko yitegurira ko babana.

Imvo zituma abantu bafata ingingo y’ukwubakana ni nyinshi, ariko muri aka kanya dushimye gushimikira kuri izi zitandatu twibaza ko zoba ziza imbere y’izindi. Tubivuze kugira ngo wewe uri mu migambi y’ukwubaka urwawe umenye ivyo wokwiyubarako, na cane cane usubire uzirikane ku mvo iriko igusunikira kwubaka, kugira ngo ntuzohave upfa kuruha inda nsa, maze uzohave usanga ka kanyamuneza warondera mu rugo kari indoto gusa. Ukubizirikanako nta kindi bibafasha atari ukwirinda kugwa muri iyi mitego ya sekibi tugira tubayagire, kuko tuzi ko shetani ari umwansi w’ingo nziza kandi nyeranda.

Tubivuze kandi kubw’abamaze kurugwamwo bagasanga barubakiye ku mushinge mubi, kugira ngo na bo bawusanure, binagure, kuko na vyo birashoboka ku wemeye kwihanura, akabona ibintu mu buryo bunyuranye n’ubwo yatanguriyemwo. Uwatanguje ingo arahari, kandi arafise ivya nkenerwa vyose vy’ukubasubiza akanyamuneza, agasanura ingo zanyu, kuko wewe abafitiye imigambi myiza. Urugo rwanyu nimwaruhereze Umukama, na we azoheza azibire ibihengeri vyose mwarushizemwo kuva mu ntango.

URUTONDE RW’IMVO ZITANDATU ZIKUNDA GUTUMA ABANTU BENSHI BAFATA INGINGO Y’UKWUBAKA IZABO:

1. Ukwubaka urugo kubw’umugenzo gusa: ibice bishika 18% vy’imisore n’inkumi barubaka ingo kubera ko babona n’abandi babigira. Ni ho uzosanga abantu baba mu karere kamwe bahakwa kwubaka bafise imyaka yababana, kandi barabira ku bintu bihakwa gusa. Urunganwe ruriganana (agakuku), ngo «Ko naka twarukanye arongoye [canke arongowe], nanje nihagira uwunyemerera nzoca ndabihereramwo».

2. Ukwubaka ufatiye ku vyipfuzo vy’imibonano mpuzabitsina: uwu mugwi ugaragara ku rugero rwa 19%, ugizwe n’abashimana akaranga gusa, ariko ahanini basunikwa n’ukwipfuzanya. Ni ho uzokwumva naka abwira uwo yashimye ic’amaso gusa ngo «Nagukunze, ndashaka ko twubakana». Ico umuntu yokwibaza, hari uwukunda uwo ataramenya ingeso? Ko urukundo rwihangana, rwemera vyose, rurinda vyose, ubwo uyu aba aramenya ivyo amukundiye koko?

3. Ukwubaka kubera ibindi vyipfuzo bitandukanye: uyu mugwi (12%) uregeranye cane n’uyu wo hejuru, kuko na wo ufatiye ku bindi vyipfuzo vy’ubuzima n’imibereho. Hari abubakishwa n’ivyipfuzo vy’ukuronka uruvyaro, abandi na bo amaronko (ubutunzi), canke ivyubahiro bazoronka mu rugo kwa naka.

4. Ukwanka kwibana wenyene: hari n’abandi (13%) bafata ingingo y’ukurondera uwo bubakana kuko barambiwe n’ukwibana, banka kuba ibisaziramuhira, maze bakibwira bati: «Uwuzokwemera wese tuzobana, ndarambiwe; imyaka ni myinshi ata wuntumbera», nk’uko womenga yarihebuye.

5. Ukwubaka bifatiye ku kwigumura: hari abarondera abo bubakana kubw’uguhunga ibibazo biri mu muryango bavukamwo (umwumvikano muke, ubukene n’ibindi). Muri uyu mugwi, harimwo kandi n’abashinga urugo kugira ngo biyibagize ubuhemu bagiriwe n’abo bahebanye. Twovyita ukuronderera ubuhungiro mu rwubako. N’ubwo abavukira uwo babonye wese kubw’iki kibazo atari benshi cane (5%), ariko barabaho.

6. Ugushinga urugo kuko wanse kubabaza uwundi: uwu mugwi urimwo abantu bashika ku bice 4% banka guheba bagenzi babo kuko hari amafuti babagiriye (nk’ugutwazanya imbanyi, ukubarirako utwabo babahenda ngo barabakunda), ahandi na ho bakabumvira ikibabarwe ku bw’ikibazo kanaka basanzwe babafasha bisanzwe (nko gufasha uwugendana indwara idakira canke ubumuga), maze bagahitamwo kubana na bo ariko ata rukundo babafitiye.

7. Ugushinga urugo bifatiye ku rukundo nyakuri: uyu mugwi ugizwe n’abantu bakundana gusa (29%), ata zindi nyungu zinyegeje inyuma, canke ngo habe hari ivyo barondera gupfukapfuka mu mibereho yabo. Aba bantu bubakira ku rukundo rw’Imana, nk’uko turusanga mw’Ijambo ryayo: «Urukundo ruriyumanganya, rugenza runtu, nta shari rugira, ntirwihayagiza, ntirwishira hejuru, ntirukora ikitaroranye, ntirurondera akunguko, ntirugira ishavu, ntirubika akabi mu nda, ntirunezerezwa n’ubugunge; ariko runezerezwa n’ukuri, rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rurinda vyose; urukundo ntiruhera» (1Kor.13,4-8).

Uworaba uwu mugwi w’abafatiye ku rukundo nyakuri yogira ngo ni wo urimwo abantu benshi (kuko ata wundi mugwi ushikana 29%), ariko yoba yibagiye ko iyo yindi migwi itandatu yose isa n’iyikoze umugwi umwe, kandi munini (71%), umugwi w’abubakira ku mvo mbi.

None rero, bakunzi b’Umukama, iki gihe c’imanza z’ubugeni ni igihe nyaco co kuzirikana ku bidukwegera kwubaka, maze tukamenya ko igihe cose tuzoba twubakiye ku mushinge mubi tuzoba duhaye amahirwe ugusenyuka kw’ivyo twari tuzi ko tugiye kwubaka.

Urugo, ukubaho kwarwo ni Umugambi w’Imana, kugira ngo umwe wese aje kurangura ubutumwa bw’Imana mu buzima bwa mugenzi we. Iyo rushingiye ku mvo nziza ruhindukira bene rwo nk’ijuru rito ryo ngaha kw’isi, rwashingira ku mvo mbi na ho rugahindukira bene rwo umuriro udahera mw’isi. Ni co gituma rudakwiye kuba urw’akaryoheramubiri gusa, ahubwo bene rwo bakwiye kurutanguza biyumvira ukurangura ishaka ry’Imana mu buzima bw’uwo bashaka kwubakana. Na ryo iryo shaka ry’Imana si irindi, ni ukaberanira abafasha nyakuri, na cane cane mu nzira y’ubweranda.

Ni ho uyu musi Umukama akubwiye ati:

– «Mwananje, urazigama ubwitonzi n’ibanga, ntibizovirire amaso yawe, bizobe ubuzima bw’umutima wawe, […], ni ho uzotora inzira yawe mu mutekano, n’ikirenge cawe ntigitsitare» (Imigani 3,21-23).

– «Urizigira Umukama n’umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe. Mu mayira yawe yose uramumenya, na we azokugororera inzira» (Imigani 3,5-7).

Ikigo CEDICOM kiripfurije ibirori vyiza abo bose buca bagiriranira indagano zabo z’ukwubakana rukristu. Imana ibahe kugira amahitamwo meza, muzogire ingo nziza kandi nyeranda, uwo muhamagaro wanyu mugira mwitabe muze muwukoreshe mw’ininahazwa ry’Umukama.
————————
Michel NIBITANGA


Current track
Title
Artist