Ikete rya Papa Fransisko rigena Umwungere mukuru w’i Bujumbura

Written by on mai 8, 2018

Ikete rya Papa Francisko rigena Umwungere Mukuru mushasha agira kane wa diyoseze nkuru ya Bujumbura.

 

FRANSISKO UMWEPISKOPI, UMUSUKU W’ABASUKU B’IMANA,

kuri Nyakwubahwa Gerevazi Banshimiyubusa, gushika ubu Umwepiskopi w’i Ngozi, watorewe kuba Umwepiskopi Mukuru w’Idiyoseze Nkuru ya Bujumbura, akira indamutso n’Umuhezagiro w’Abatumwa.

Ka musubirizi wa Petero Mweranda, twashatse noneho kugena uwusubira ku Ntebe y’ubwungere ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, yari isigaye igaragara kuva aho Nyakwubahwa Umuvukanyi Evaristo Ngoyagoye asabiye ko tuyimuremurura. Aho tumariye guhanuza Urwego rushinzwe kumenyesha Inkuru Nziza mu Bihugu, twasanze ari wewe, Nyakwubahwa Muvukanyi, ubereye ko dushinga gusubira kuri iyo Ntebe, kubera ingabirano zikuranga n’ukuba waramenyereye ubutumwa bwo gutunganiriza umuryango w’Imana.

Ni co gituma, ku Bushobozi bwacu dukura ku Batumwa, tukuremuruye isezerano ry’ubunywanyi wari ufitaniye na Diyoseze ya Ngozi, tukakugena kuba Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, no kuronka iteka n’ubushobozi bigendana n’iryo banga, hamwe n’ivyo rigusaba kwitwararika kurangura.

Dusavye ko iri Kete ryomenyeshwa abasaserdoti n’igihugu c’Imana bakukira iyo Ntebe, na bo tubasavye kukwakirana urweze, kandi bagumane na we mu bumwe.

Mu gusozera, dufashijwe n’Umugabekazi w’Aboro, tugusabiye ingabirano nkuru nkuru za Mutima Mweranda Umutabazi, zizogufashe kuragira ubusho bw’abemera ushinzwe, kugira ngo ivyo wigishije mu majambo, ubigaragarize mu bikorwa, na cane cane uvyerekane mu karorero k’ubuzima bwawe.

Amahoro n’umuco wa Kristu bibane na we, bigumane kandi n’uwo muryango w’Ekleziya nkunda cane, mu Gihugu c’Uburundi mfise ku muzirikanyi.

Bigiriwe i Roma, ku Kirimba ca Petero Mweranda, igenekerezo rya 24, ukwezi kwa Ntwarante, umwaka w’2018.

 

Papa Fransisko

 

  Musenyeri  Mukuru  Gervasi  BANSHIMIYUBUSA ni nde ?

9 nyakanga 1952 : yavukiye mu gisuru diyoseze Ruyigi

14 nyakanga 1952 : yahawe ibatisimu muri paruwase Gisuru

1960-1966 : yize kw’ishure ritoyi i Gisuru

1966-1973 : amashure yisumbuye

1973-1976 : amashure ya philosofiya i bujumbura mw’iseminari yitiriwe ARs

1976-1977 : umwaka wa stage mw’iseminari ntoyi yo mu ruyigi

1977-1981 : yize tewologiya mw’iseminari nkuru y’i bujumbura 

4 mukakaro 1981 : yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti na musenyeri NDUHIRUBUSA i Gisuru

1981-1983 : yaranguriye ubutumwa mw’iseminari yo mu Dutwe (préfet des études, père spirituel et vice-recteur)

1983-1987: yarungitswe kwiga kw’ishure kaminuza i Roma (université urbaniene et obtint le doctorat en théologie dogmatique)

1987-1998 : yabaye umwigisha  mw’iseminari nkuru y’i Burasira abandaniriza   mw’iseminari nkuru y’i Gitega yitiriwe Yohani Paulo II

1994-1998 : Yagenwe kuba icegera c’umwungere wa diyoseze ya muyinga abifatanya no kuyobora iseminari ntoyi i muyinga yitiriwe Piyo w’i 10 mweranda kandi atwara ibiro bijejwe ubutumwa muri diyoseze muri uyo mwaka nyene.

1998 : yagenywe kuyobora iseminari nkuru y’i Gitega yitirwe Jean Paul II

10 rusama 2000 : yagenywe kuba Umwungere samuragwa w’i ngozi

16 nyakanga 2000 : yatiwe mw’ibanga ry’ubwepiskopi

22 ruhuma 2003 : yagenwe kuba umwepiskopi w’i ngozi

2010-2016 : yararongoye inama y’abepiskopi Gatolika yo mu Burundi

Ubu naho 24 ntwarante 2018 Papa Francisko yamugenye kuba umwungere mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura akabifatanya no guahagarikira Diyoseze ya Ngozi.

Kaze muri Diyoseze yacu.

   

 


Current track
Title
Artist