Igisabisho c’iminsi icenda kirongora umunsi mukuru wa kristu mwami w’amakungu yose 2018.

Written by on novembre 20, 2018

IGISABISHO C’IMINSI ICENDA KIRONGORA UMUNSI MUKURU WA KRISTU MWAMI W’AMAKUNGU YOSE 2018.

 Ingingo nshimikiro:  “NKUKO DAWE ARI MWERANDA, NATWE NITUBE BERANDA MU BIHE NO MU BUZIMA TURIMWO”.

 

Intangamarara: Umunsi mukuru wa Kristu Mwami n’ingingo nshimikiro y’uwu mwaka (2018).

 

Nkuko mubizi, twimirije guhimbaza umunsi mukuru wa Kristu Mwami. Ku munsi w’Imana wanyuma w’umwaka w’amasabamana, twese duhamagariwe kuzirikana no gushemeza Kristu Mwami w’amakungu yose akaba n’umucamanza wa bose. Inkuru nziza dushikirizwa uyo munsi yerekeye umunsi w’urubanza rwa nyuma, aho tuzoshimirwa canke tukagayirwa, bivuye ku kungene tuzoba twaragendeye ibwirizwa ry’urukundo: “nararwaye murandaba, ndanyoterwa murampa utwo nywa, ndi gusa muranyambika, ndi mw’ibohero murandaba, ….(Mat. 25,31-46). Ubwami bwa

Kristu rero ahanini ni ubwami bw’urukundo. Urwo rukundo nirwo rudutuma dukunda Imana na benewacu. Ariko kandi urukundo ntiruri mu majambo gusa, rubonekera canecane mu bintu biboneka nyene: kugaburira abashonje, kubambika bari gusa, kubasuhuza barwaye,…Ivyo si amajambo, biraboneka. Ivyo nivyo Imana ishira imbere: Imana ibabaye ubuntu ntibabaye inkuka.

 

Nkuko abahanuzi, nka Amosi na Ozeya, babisigura, ubuyobokamana bw’ukuri bubonekera mu butungane n’urukundo bishingiye ku butungane bw’Imana n’urukundo iyo Mana nyene idukunda. Muri Bibliya ubutungane n’urukundo ni akaranga k’Imana, kandi nibwo ubweranda. Nico gituma Yezu adutumirira kuba beranda nka Dawe wo mw’ijuru; ni nkuko yovuga ati nimube intungane nka So wanyu, nimukundane nkuko So wanyu abakunda,…. Haraheze umwaka Papa Fransisiko yandikiye ikete abakristu abibutsa ico Yezu we nyene yasavye abemera: Nimube beranda nkuko So wanyu wo mw’ijuru ari Mweranda (Mat.5, 48). Iryo kete yaryise “Nimunezerwe muhimbarwe”(N.M)1. Naho igicumuro caduciriyemwo, ubweranda burashoboka, nico Yezu na Papa Fransisiko batwibutsa. Ugukorera ubwami bw’Imana nibwo bweranda. Kandi naho ari urugamba rukomeye harimwo akanyamuneza: Yezu ati muzoba muhiriwe ni babatuka, bakabazigiriza, bakabaremera amabi yose ku bwanje babesha (Mat.5,11).

Twibaze aka kabazo: Ubweranda ni iki? Buhamagariwe ba nde? Mbega burashoboka? Buroroshe?

Ubweranda n’imihari, imirwi n’imibano mitomito bihuriye hehe? Birahuye nyene! None, ico umukristu wese ahamagariwe, umunyamuhari ntagihamagiriwe kabiri? None yoba yagiye muri ubwo butumwa kubera iki? Na nyarirya mbere imihari myinshi yisunga akarorero n’igisabisho vy’aberanda batandukanye? Ahubwo birahuye cane!Muri iyi minsi icenda rero tugiye kuzirikanira hamwe ivyerekeye uwo muhamagaro. Tuzoheza dusozere umwaka w’amasabamana dusaba Umukama ngo adufashe maze umwaka mushasha w’amasabamana tuzoca twinjiramwo utubere akaryo ko kubandanya iyo nzira.

Musanzwe mubizi, umunsi mukuru wa Kristu Mwami watanguye mu mwaka w’1925, ushingwa na Papa Piyo w’XI, icifuzo ciwe kikaba cari uko ibihugu vyose vyogamburukira Kristu n’amabwirizwa yiwe. Muri ico kiringo intwaro ya gikominisita yari ishinze imizi mu bihugu vyinshi, nazo zikaba zari iz’ubuhakanyi.

Uyo munsi mukuru witwa umunsi mukuru wa « Kristu Umwami w’amakungu », ukaba ushimikira ku ciyumviro nyamukuru c’uko muri Kristu Yezu ariho ivyaremwe vyose vyakoranirijwe, ariho abantu bose banywaniye. Muri we niho twese twacunguriwe. uca ushirwa ku munsi w’Imana wa 34 mu minsi y’Imana isanzwe.Uyo munsi mukuru utwibutsa ko Kristu aganza ibihe n’imyaka, ko ariwe ntango ya vyose. Uyo munsi mukuru kandi ni umunsi mukuru w’abanyamihari y’ubutumwa bwa Ekleziya Gatolika. Barahurira hamwe ngo bigine intsinzi Kristu yatuzaniye mu kubana natwe, mu rupfu n’izuka vyiwe akaturonsa ikigongwe c’ibicumuro vyacu. Ni

Umwami akiza ibicumuro vy’isi. Niwe atugira beranda.

 

Umunsi wa mbere, kuwa gatanu igenekerezo rya 16 :

I.UBWERANDA N’IKI? ABERANDA NI BA NDE? BISHOBOKA GUTE KUBA MWERANDA? (Yeremiya 1,5 ; Abanyef.1,4)

 

I.1. Nitube Beranda : Twebwe bande ?

Ni vyiza ko twibaza ico kibazo. Ni bande bashobora kuba beranda ? Bishoboka bite ?

Umuhamagaro wo kuba beranda, Yezu Kristu yawumenyesheje ubwa mbere abatumwa n’abayuda bamwumva. Uyu munsi awumenyesheje twese : abavyeyi, abana, abanyeshure, abadandaza, abihebeyimana, abagisha, abanyapolitike, abanyamigambwe, abashoferi, abubatsi,…Papa ati : « na wewe » urabishobora. Umwe wese mu nzira arimwo arashobora gushikira ubweranda nk’ubwa Data (N.M.n° 10) : abavyeyi barerana urukundo rwinshi abana babo, abagabo n’abagore bakora

ibikorwa ngo baronkere Umukate umuryango, abo bagwayi n’abihebeyimana bageze muza bukuru ariko bakamana akanyamuneza,…Aberanda rero turabana, baba kumuryango duhereranye. …….ni bweranda busanzwe. Ntihagire uwihebura rero aravye uburorero bumwe bumwe bw’aberanda umengo ntawobashikira. Oya, ahubwo ni ivyabona vy’Imana bikenewe kugira batubere akarorero, badutere intege aho gutuma ducika intege. Ntihagire uwushaka gukoporora ubuzima bwabo, yoba

ahushije inzira yiwe Umukama amushakira. Igihambaye rero n’uko umwe wese yotohoza akamenya inzira yiwe kandi akagira umuco kukungene yorangura neza iciza gishemeye. Ntiyokwiruhisha rero arondera kuba muvyo atateguriwe n’Umukama kuko ubwoko bw’ugushinga intahe ari bwinshi :

Ubuzima bw’Imana bwibonekeza uku kuri bamwe, bukibonekeza kuriya kubandi (N.M.n° 11).

Kerebuka rero mugire intenge, muhebe vyose kugira haje imbere umugambi w’Imana kuri mwebwe, habe ico Imana yashatse kuri mwebwe: « utaranasamwa mu nda y’uwakwibarutse nari ndakuzi, imbere yuko uvuka nari naragutoye (Yeremiya 1,5). Ubweranda rero buca mu nzira nziza nyinshi.

Papa Fransisiko aratubwira ko « ubutwari» bw’abapfasoni ari uburyo abapfasoni baba beranda kandi burakenewe ngo ubweranda bw’Imana bwibonekeze mw’isi y’uyu munsi. Mutima Mweranda yagiye aritorera rimwe rimwe abapfasoni ngo banagure Ekleziya bayisubize itoto : Birigita  Mweranda, Gatarina w’i Siyena Mweranda, Tereza w’i Avila Mweranda n’abandi. Aho rero ntituvuze abapfasoni benshi batazwi bashoboye guteza imbere imiryango yabo kubera ubushobozi

bw’intahe bashingiye Kristu. Ntihagire uwibaza ko Ubweranda buri mu guhunga ibikorwa vya minsi yose kugira ngo asenge cane ; yoba yihenze, siko bimeze; uzoba mweranda mugihe uzoshinga intahe aho uri, aho ariho hose. Wihebeye Imana?Ba Mweranda mu kurangurana akanyamuneza indagano zawe. Urubatse ?

Ba Mweranda mugukunda n’ukwitwararika uwo mwubakanye, nkakurya Kristu akunda akitwararika Ekleziya. Uri umukozi ? Kora neza akazi kawe ngo ufashe bene wanyu nkuko bikwiye.

Uri Se w’abana, uri nyina w’abana, sogokuru canke inakuru w’abuzukuru? Ba mweranda mu kwigisha wihanganye abana gukurikira Yezu Kristu. Uri umutegetsi? Ba mweranda mu kurwanira n’ukubungabunga itunga rusangi, no mu guheba kurondera inyungu zawe wenyene. Kurikira Umukama umuhitemwo ibihe vyose! Ubwo nibwo bweranda(N.M, no 14).

 

I.2 .Umuhamagaro w’ubweranda

 

Muri Bibiliya Imana irahamagara Aburahamu ngo agendere imbere y’Imana (Amamuko 17, 1), nkuko n’abavyeyi bacu ba mbere Imana yashaka ko bagumana ubugenzi bukomeye (Amamuko1, 26; 3, 8-9). Abakristu bose, umwe wese mu muhamagaro n’ubuzima arimwo, baratumiwe gushika ku rugero rw’ubukristu bwuzuye n’urukundo rutagabanije. Bose rero barahamagariwe ubweranda:

“Nimube beranda nkuko so wanyu ari mweranda” Mat.5,48).” Ikatikisimu y’Ekleziya katolika iributsa abakristu bose ko bategerezwa, umw’umwe wese bivanye n’ingabirano yahawe na Kristu, gukoresha inguvu bahawe, ngo bashikire ubwo bweraranda, kugira ngo mu kurangura muri vyose ishaka rya Data biyegurire ininahazwa ry’Imana n’ugufasha benewabo“ (Ikatikisimu y’Ekleziya katolika, n°2013). Pahulo Mweranda aributsa abakristu b’i Efezi ko Se w’Umukama wacu Yezu

kristu yatwitoreye muri kristu isi itararemwa kugirango tube beranda kandi ntitugire amahinyu imbere yiwe mu rukundo (Abanyef.1,4). Umukristu wese ni umwana w’Imana muri Kristu, akaba ari no muri Kristu nyene yaronkeyemwo ubukiriro n’ikigongwe c’ibicumuro (Abanyef.1, 5-7).

Ugutera imbere mu buzima bw’umutima rero ni ukunywana n’Imana, be n’ugutandukana n’ingendo y’isi. Muri Bibiliya ubweranda buboneka nk’ugugutandukana canke ukuja kure y’abapagani, ukuva mu misiri (mu gicumuro, mu buja). Mu yandi majambo, ni uguheba akabi akariko kose, tukihereza Imana: Imana ishaka ko dutandukana n’ivy’isi ngo idukingire akabi.Mugabo kandi, umwe wese yar’akwiye kumenya ko ariwe afise ububasha bw’uguhitamwo hagati y’iciza n’ikibi, hagati y’urupfu n’ubuzima (Amategeko30, 19).

Ubweranda rero ni uguhitamwo iciza tukirinda akabi kose. Pahulo aringinga abakristu b’I Efezi ngo bigenze nkuko bikwiranye n’itorwa batorewe (Abanyef.4,1).Umutumwa Petero nawe ahanura abakristu kugamburukira Imana, bakirinda ivyifuzo vy’umubiri vyama bitera umudurumbanyo mu mutima,eka bakigenza rupfasoni mu bapagani (1Pet. 2,11-12).Rero biraboneka ko ubweranda ari ukuba vy’ukuri ico Imana inyitezeko, jewe ubwanje, aho Imana yanshize: ni ukwakirana urukundo n’umwidegemvyo w’ukuri ishaka ry’Imana,umugambi w’Imana kuri jewe. Nta bweranda bubaho busa kuri bose, umwe wese abubamwo bivuye ku muhamagaro wiwe n’uko Mutima Mweranda abimufashije. Ni uko rero, ukwemera ko Imana iyobora ubuzima bwanje, ukuyigamburukira, ukwakira ishaka ryayomuri vyose, ukuyizera nk’umwana muto nivyo bizotuma umunsi urizina ninjira Mu Bwami bw’ijuru: “Mudahindutse ngo mumere nk’utwana duto ntimuzokwinjira mu

Bwami bw’Ijuru”(Mat.18,3).

 

I.3. Ubweranda bw’Imana n’Ubweranda bw’abana bayo

 

Turavuga ko Imana ariyo nyeranda, tweho turiberandagute? Iki kibazo kirumvikana.Nkako turavuga mu masabamana y’Ukaristiya tuti “Mweranda Mweranda Mukama Mana y’ingabo….”. Imana ni nyeranda rwose,ni Umweranda w’Israyeli . Ubweranda bwayo bubonekera mu bukuru bwayo (yobi 37,23;zaburi 18,2-6;Ihunguka24,18),mu rukundo rwayo( Bene Siraki 4,10;Izaya 49,15) no mu buntu

bwayo (Ezekieri 18,23;34,11-16).Imana rero niyo Nyeranda kandi irapfuha,ishaka ko tumenya kandi tukamenyesha ko ata yindi Mana iriho (Ihunguka 20,3.5). Nico gituma amabwirizwa atatu ya mbere adutumirira kuzirikana icubabahiro c’Umuremyi, nkuko mbere na Yezu abitwibutsa muri ca gisabisho ca Dawe watwese: “Izina ryawenirininahazwe”

Ariko naho bimeze uko, Imana yo nyene iremeza ko Israzeli ari “Umukama ayitagatifuza, kuko yayikuye mu misiri ngo ibe Imana yabo (bene Levi 22, 33).Mu buzima bwa minsi yose ica ibasaba kwirinda gutyoza izina ryiyo ryeranda, ngo biteho nyabuna kurangura amategeko y’Imana (Bene Levi22, 31-32)

Niko Imana nzima niyo Bweranda nyabwo, ariko kandi turabandanya tuti “ni wewe ubweranda bwose bukomokako”. Imana niyo soko ry’ubweranda bwose,niyo itugira beranda.Tuyemereye birashoboka ko tuba beranda.Niho Yezu agira ati uwuri muri jewe nanje nkaba muri we,uwo niwe yama vyinshi, kuko tutarikumwe ataco mwokwishoboza(Yoh. 15,5). Mu gikorwa c’ukudutagatifuza, Imana iduha amabwirizwa atwereka iciza n’ikibi mu buzima bwa minsi yose; iranaduha akarorero k’ubweranda muri Yezu kristu yaturungikiye ngo tube bazima ku bwiwe

(1Yoh.4,8; Yoh.17,19;Yoh. 15,5). Si ivyo gusa, no mu masakramentu Imanairaduha inguvu z’umutima be n’inema zose dukeneye ngo tube beranda mu mihamagaro itandukanye. Imana yaraduhaye kandi Ekleziya nk’umuvyeyi aturera munzira y’ubweranda, mu bukomezi bwa Mutima

Mweranda: “Abarongowe na Mutima w’Imana bose, nibo bana b’Imana”(Abanyaroma 8,18).

 

I.4. Umweranda ni ubutumwa

 

Umweranda ni umuntu ahagurutswa na mutima mweranda ngo abere inyigisho abantu.Twovuga mbere ko ari ingabirano y’Imana kuri twebwe, abera akarorero benshi, akanabigisha biciye mu

buzima bwiwe bwose. Umweranda rero si uwukora ubutumwa gusa, ahubwo we nyene ni ubutumwa.Ubuzima bw’umweranda ni inkuru nziza ya Yezu kristu yandikishijwe irangi ry’ibikokorwa n’ibisabisho vy’uwo muntu arondera kubaho nka kristu nyene. Nico gituma Pahulo Mweranda abwira abanyakorenti ko bari ikete rya kristu risomeka (2 Abanyakor.3,3).Nayo igikorwa nyamukuru c’ikete n’ugutanga ubutumwa bwanditse. Ubuzima bw’umweranda rero ni ubuzima burimwo amakanda ya Kristu n’inkuru nziza yiwe, ni ubuzima kandi buriko ikimangu (ikidodo) ca Mutima Mweranda atugira abana b’Imana, ariwe adutuma tuvuga ngo “Dawe”tubwira Imana (

Abanyagal. 4, 6; Abanyaroma 8,16). Ico ciyumviro turagisanga kandi mw’ikete Pahuro yandikiye abanyakorenti abibutsa ko ari mu kibanza c’ubuserukizi bwa Kristu (2 Abanyakor. 5, 20).

Papa Fransisiko agira ati Umukristu nta kundi ategerezwa gutegera ubutumwa n’igikorwa ciwe Atari inzira y’ubweranda nkuko Pahuro Mweranda yavyibukije Timoteyo: ishaka rya Data ni uko tuba beranda (1Timot. 4, 3). Duca twumva rero ko Umweranda wese ari Umugambi w’Imana Data wo kwerekana (gushikiriza) mu buzima bw’igihe kanaka uruhande rw’Inkuru nziza (N.M, n° 19)

Ubutumwa n’umugambi vy’Imana biboneka neza muri Yezu Kristu; nico gituma ubweranda bw’ukuri ni ubuzima tubamwo twunze ubumwe na Kristu nyene : mu rupfu n’izuka vyiwe. Ariko mbere birashobora gushika ko ubwo buzima bweranda bumera nk’ukwigana mu buzima bwa muntu ibice bimwe bimwe vy’ubuzima bwa Yezu Kristu ( imbere yuko atangura kwigishiriza ku mugaragaro, mu buzima bwiwe kumwe n’abandi [abatumwa], ukwitaho abantu b’inkengerwa, ubworo bwiwe, no mu bundi buryo yerekaniyemwo ukwitangana urukundo). Ukwihweza ivyo binyegezwa bidushikana, nk’uko Inyasi w’i Loyora mweranda abivuga, ku kubigira iremezo ry’inyifato n’ibikorwa vyacu. Nkako, mu buzima bwa Yezu, vyose ni ibimenyetso n’ibinyegezwa, ni ukwerekana Data, ni urukiza,… Yezu ashaka ko tubaho nkuko yabayeho (mu vyo yabayemwo, ashaka gusubira kubibamwo muri webwe (N.M.,n°20). Umugambi w’Imana rero ni Kristu na twebwe muri Kristu, kuko vy’ukuri urugero rw’ubweranda ari igihagararo ca Kristu muri twebwe, ni urugero dushushanyako ubuzima bwacu ku bwiwe dufashijwe na Mutima Mweranda. Gutyo rero, Umweranda wese ni Ubutumwa Mutima Mweranda akura mw’itunga rya Yezu Kristu akabuha igihugu c’Imana (N.M., n°21).

Twomenya gute ijambo Umukama ashaka kutubwira mu Mweranda kanaka? Ntitworaba akantu kamwe kamwe kose mu buzima bwiwe, kuko nawene atabura amagara make (udusembwa), ni ukuraba insiguro y’ubuzima bwiwe bwose, inzira yiwe yose y’ugutagatifuzwa. Twibaze: Ni irihe jambo Imana itubwira muri Fransisiko w’i Asizi Mweranda? Muri Tereza w’i Kalikita Mweranda?

Muri padiri Yohani Bosiko Mweranda? Muri Kizito Mweranda? muri Dominiko Saviyo Mweranda ? Baratwibutsa cane koubuzima bwacu bwose twobufata nk’Ubutumwa. Tubigire twumviriza Imana mu gisabisho no mu gutohoza ibimenyetso iduha. Twame tubaza Mutima Mweranda ico Yezu adushakako mu gihe cose c’ubuzima bwacu no mugikorwa cacu cose, kugira ngo tumenye ikibanza cavyo mu butumwa bwacu. Twemere ko bwerekana Yezu Kristu mw’isi y’uyu munsi. Ese twomenya ubutumwa bwa Yezu Imana ishaka guha isi iciye mu buzima bwawe!

Emera Mutima Mweranda akunagure, aguhindure ube mushasha kugira ubwo butumwa ntibunigirwe mu menshi. Umukama azobirangura naho mu buzima bwawe hobamwo udusembwa, ugutsitara: igihambaye ni ukudata inzira y’urukundo n’ukwama witeze ko Imana igutyorora, ikakumurikira( N.M,n° 24)

 

I.5. Ugukura mu bweranda biteza imbere Ubwami bw’Imana kw’isi.

Ntawushikira ubweranda ubwo nyene, ubweranda ni urukundo rw’Imana ruguma rukura muri twebwe, dufashijwe na Mutima Mweranda. Reka rero inema y’Ibatisimu yawe yame ivyamwa mu nzira y’ubweranda. Iyugururire Imana muri vyose, uyakire, ntiwihebure kuko uzofashwa n’inguvu za Mutima Mweranda, kuko burya ubweranda ni icamwa ca Mutima Mweranda mu buzima bwawe (abanyagal. 5,22-23). Ubuzima rero si ubw’umunsi umwe. Ku munsi ku munsi dusabwa gutera intambwe tuja imbere, twinjira mu bwami bw’urukundo, bw’amahoro, bw’ubutungane. Ni kagatete ka sinapi kaba igiti kininiuko iminsi yiyongera. Umukristu ntiyokwibagira ko ari ku rugendo.

Ugukura mu bweranda ni ugukura mu rukundo, kuko, nkuko Tereza w’umwana Yezu abivuga, « ishure ry’urukundo ni ugukunda », kuko uko dukunda niko dukunda abandi gusumba, tukivako,tugashimishwa n’uko abandi bamerewe neza (baronse ivyiza).

Muri iyo nzira y’ugukura mu bweranda, Papa Fransisiko araduhanura ngo « naho wohura n’ibikugerageza ntiwemere kuyamirira mumagara make yawe, nuhange amaso uwabambwe umubwire uti : « Mukama, ndi umworo, mugabo woshobora gukora igitangaro c’ukungira intore »

(N.M,n°15). Naho Ekleziya irimwo abacumuzi, uzoyisangamwo ivyo ukeneye ngo utere imbere mu bweranda: ijambo ry’Imana, amasakramentu, udusengero dutoduto two gusengeramwo, ubuzima bw’imiryango, intahe z’aberanda hamwe n’ubwiza buva ku rukundo rw’Imana « nk’umugeni yitatse udusharizo tw’agaciro » (Izaya 61, 10).

Ni uko rero, ubweranda Umukama aguhamagarira buzokura, intambwe kuyindi, ni urugendo.

Nk’umukenyezi yahora yararaza (avuga nabi) abandi, arashobora gufata ingingo yo kubiheba: iyo ni intambwe igana ubweranda. Canke ari muhira yarushe, ariko umwana agashaka kumuyagira indoto  ziwe, iyo yigoye akamwumvirizanya ukwihangana n’urukundo, ukwo kwitanga kuratagatifuza. Eka niyo ari mumaganya, akibuka urukundo rw’umuvyeyi Bikira Mariya agaca avuga ishapule, iyo ni inzira y’ubweranda. Mu nyuma hari aho ava mu nzu agakubitira hanze, agahura n’umworo mw’ibarabara, agaca ahagarara bakayaga mu rukundo, niyo ni iyindi ntambwe (N.M.n°16).

Rimwe na rimwe hari aho ubuzima buducisha mu ngorane zikomeye. Muri ico gihe Umukama aradufasha guhinduka, bigatuma inema yiwe yibonekeza neza mu buzima ducamwo, kugira ngo adusangize ubweranda bwiwe (abahebreyi 12,10). Ikindi gihe naco, usanga ari ukurondera kuba mu buryo bwiza cane ivyo twari dusanzwe tubamwo : kuba mu buryo budasanzwe mu bintu bisanzwe vy’ubuzima bwacu. Inema y’Imana niyo idufasha kwitunganya mu bweranda Imana idushakako.

Ubwami bw’Imana rero bugenda burashinga imizi ku rugero duterako imbere mu bweranda. Birumvikana ko ukwubaka Ubwami bw’Imana bica mu buzima tubamwo, turondera kwigana Kristu. Ukumwigana neza ni ukugendera mu rukundo no mu butwari bw’ukwakira ishaka ry’Imana mu bitugora vyose. Aberanda, nkuko twabizirikanye, nibo bubaka Ubwami bw’Imana, bafashijwe na Mutima Mweranda.

 

Umunsi ugira kabiri, kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 :

 

  1. UBWERANDA BURANGWA N’IKI? (Abanyafilipi4, 4-9)

Kugira dutegere neza ikintu, turarondera kumenya ibimenyetso biboneka dufatirako ari navyo Ekleziya ifatirako kugira ishire kanaka mu mugwi w’abaranda. Abo tumenyereye kubona canke gutangako akarorero k’ubweranda ni abakunda gusenga cane, guhabwa amasakaramentu kenshi, abihatira kugendera mu murongo w’amabwirizwa y’Imana na Ekleziya. Ivyo gusa ntibikwiye kuko birashoboka ko umuntu abikora ariko akiyorobeka nkuko abafarizayo babigira mu gihe ca Yezu.

Hari ibindi bitaboneka biri imbere mu mutima wa muntu bimufasha gutera imbere muri urwo rugendo rweranda. Ivyo navyo ni nk’ibi bikurikira :

-kwitsinda, kwihangana no gutekereza ;

-kuba umuntu arangwa n’akanyamuneza,

-gushira amanga,

-guhozako mu gusenga,

-kwitwararika abandi mu kibano

 

II.1. Kwitsinda, kwihangana no gutekereza.

 

Yezu ati : « Hahiriwe abitonda n’abaremesha amahoro ». Aratangaza kandi ko hari abahamwa, abatotezwa bazira ukuri, ukwemera kwabo. Mu buzima hama hariho ivyoroshe n’ibigoye, ibinezereza n’ibitera amaganya, ibiduturukako canke ibiva ku bandi : ubukene, indwara, intambara ukudatahurwa, akarenganyo mukazi, agacinyizo mu rugo n’ibindi. Umuntu w’intungane yakira ivyo vyose n’umutima wihangana akakira izontambamyi zose atidoga, adata umwikomo ku mana canke kuri bene wabo. Duhamagariwe kwihanganira abatubeshera, abatwambika ibara, abaturementaniriza, abaturenganya ku twacu.

Kugira ivyo umuntu abishikeko bisaba inema y’Imana, ubwenge n’ubwitonzi. Budusaba kwivako tukarengera ya kamere ya muntu : ukwihora, ukugera ingere kuyindi, uguhangana n’umuhambazi tukabigira indahiro. Paulo ati ikibi gitsindishe iciza. Umuntu wese asanganywe muri we impengamiro mbi imukwegera mu matati. Paulo ati : « shavura ariko ntucumure ». Ubwirinzi n’ ubutekereji bujana kandi no kwirinda amajambo mabi akomeretsa abandi ayo tuvuga canke ayo twandika , twokwirinda kandi guca imanza, kwagiriza canke gusuzugura abandi. Twokwemera kwigishwa n’akarorero keza dusanga kubandi tukirinda kurondera ko abandi bemera ivyacu ko ariko kuri tukagomba kubibatsindikirako ku nguvu. Twokwiga gushima ibikozwe n’abandi.

 

II.2 .Kuba umunyakamwemwe

 

Kwakira ibidushikira mu buzima naho vyoba ari ibibabaje ntibitegerezwa kudutwara

akanyamuneza kacu. Umweranda si umuntu yama yijiriwe, atigera anezerwa canke ngo anezereze abandi. Umweranda ni urya atanga akanyamuneza kandi akaremesha abandi atirengagije ububabare ashobora kuba arimwo kuko aba afise umwizero mu Mukama. Kuba umukristu ni kuba kanyamuneza muri Mutima kuko urukundo rwitanga rutera akanyamuneza. Umuntu akunda

araterwa akanyamuneza no kuba kumwe n’umukunzi wiwe. Mu bwuzure bwa kera abahanuzi babuye umuzo wa Mesiya bamye bamenyesha ko azozana akanyamuneza mu bantu.

Akanyamuneza kava ku nkuru nziza, urukundo n’ibikorwa vyiza ; umwizero dufise muri kristu nivyo biranga umweranda. Bikira Mariya amaze kwakira inkuru nziza azaniwe n’Umumalayika, yaciye yuzura akanyamuneza aca aja kugasangiza Elizabeti nawe nyene amusanganiza akanyamuneza. Aho Yezu yaca hose abantu baca buzura akanyamuneza ; na ba bigishwa b’I Emawusi bafatanije urugendo na Yezu abayagira ibimwerekeye vyanditswe mu bitabo vyeranda bari buzuye akanyamuneza. Akanyamuneza k’umukristu kazirana no kwijirwa. Akanyamuneza k’umweranda ntikava ku vyo atunze canke ku vyo ariye, habe no mubinezero vy’umubiri nkuko abubu bakarondera; ariko kava ku rukundo ruri muri we rumutuma atangana akamwemwe.

 

II.3. Gushira amanga canke kubahuka.

 

Ngaha kwubahuka si ubushirasoni canke ubugumutsi, ni nyabuna ishaka n’umwete vyo

kumenyesha abandi urukundo rw’Imana, hamwe abandi batinya gushika. Yezu aradutumiririra

gushira amanga no gutsinda ubwoba ati « Ntimugire ubwoba kandi ntimutinye ». Ati raba

ndikumwe namwe gushika ku muhero w’ isi. Ati ntimutinye abica umubiri batari burenze ngaho.

Kubura ishaka biraburabuza igikorwa ciza, ukwihebura biratubuza guterera arusenga naho

twoba twari twabuze ico dufata. Twokwirinda kugomba kuguma muri bimwe twamamwo gusa,

tworondera guhindura ibintu.

Akarorero kabi ka Yonasi yahunze ubutumwa Umukama amuhaye twokirinda.

II.4 .Ugusangira ubutumwa mu muryango

Umweranda si uwitandukanya n’abandi ngo ahunge isi. Ntidushobora gutsinda urugamba

rw’ubweranda tudashigikiwe na bene wacu. Kubana n’abandi no gusangira ubuzima nabo,

kwitwarika icogirira neza umubanyi, uwo dukorana, awo dusangiye ikibano, umubano rukristu,

gutwaza adusaraba abandi, ngiyo inzira y‘ubweranda. Umuryango w’abatumwa Yezu yatanguje

ariwo wavuyemwo Ekleziya ni ikibanza ciza co kwigiramwo ubweranda. Umuryango mweranda

w’iNazareti ni ishure ry’ubweranda kuko niho habonekera umwitwarariko umuntu afitiye abandi.

Muri iyo mibano mitomito niho Yezu aduhamagarira kwitaho abandi mutuntu dutoduto : umuvinyu

ubuze mu bugeni, intama yazimiye, umubanyi ari mu bitaro akeneye uwumushikana kwa muganga,

kubona uwaje gusanganira umukwe atamavuta y’itara afise…

II.5. Kwihatira ku gisabisho.

 

Ubweranda si impera y’ibikorwa twakoze n’inguvu zacu, habe namba; ni inyishu Imana iha uwayugururiye umutima ; akakira ijambo ryayo akihweza Yezu mu buzima bw’aha kw’isi agaheza akamwihekako. Umweranda ni umunywanyi wa Kristu, umuteramyi, umusenzi, umwambarizabandi. Nta mweranda adasenga ashobora kuboneka nkuko kandi ubweranda atari ubw’abama mu bisabisho birebire gusa. Kuba imbere y’Imana, kwumviriza mugacerere ico ituyagira, kuyisaba ingoga zo kukirangura nivyo bidufasha kurengera amagara make yacu tugatsinda ukwikunda n’ubwiyorobetsi ; tugatanga ikigongwe maze akanyamuneza kakuzura.

 

Umunsi ugira gatatu, kuw’Imana igenekerezo rya 18 :

 

III. INTAMBAMYI Z’UBWERANDA: ubwenge bwa muntu gusa canke akigoroka muntu gusa?

 

III.1.Ubwenge bwa muntu gusa

 

III.1.1°. Dutegere twoye guhuba.

 

Ikintu ca mbere twoshimira umuvyeyi wacu Papa Fransisiko ni uko yatwigishije mu majambo adahanitse cane ubweranda ic’ari co. Ni inzira umwumwe wese acamwo agerageza gushira mu ngiro Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, cane cane ibwirizwa ry’urukundo. Ugutegera nabi ubweranda canke ukubwigisha uko butari ni ukuburwanya : ni ugutumbereza inzira ahatari ho. Ugufata ubweranda nk’urupimo rw’ivyo tuzi, ivyo twize mu vy’Imana ni uguhuba ; co kimwe n’ukubufata nk’urupimo rw’ivyo dushoboye, umwe wese ku giti ciwe. Ivyo bivyara ubwirasi kuko vyose umengo biva mu nguvu za muntu. Papa Fransisiko agira ati ivyo bituma abiyumvira gutyo barazwa ishinga n’ugushira abantu mu migwi canke ku ngazi z’ubweranda aho kubamenyesha Inkuru Nziza.

Muri ico gihe, Yezu Kristu na benewacu nta kibanza baronka muri twebwe. Ubweranda babwironderamwo aho kuburondera mu nema y’Imana no murukundo rwa benewacu. Muri kahise k’Ekleziya hariho abahuvye muri ubwo buryo. Murahagabire rero ntimuhendwe n’amajambo asosa ariko ata kuri kuri muri yo. Turabe rero intambamyi nyamukuru.

 

III.1.2° Ubweranda bushingiye ku rukundo rw’Imana ntibushingiye ku murundo

w’ubumenyi.

 

Igihe Yezu Kristu yamanikwa, yavyemeye kugira ngo akize abantu; twebwe ubu turategera ko yabitumwe n’urukundo adufitiye:”nta wurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe”(Yoh.15,13-14).

Ariko twibuke kandi ko abenshi batategera iyo nzira. Abagereki babonamwo ubujuju buhebuje (1Abanyakor.,17-25) mu gihe abayuda babonamwo umuvumo w’akamaramaza. Ku bagereki ntivyumvikana, ntivyinjira mu bwenge bwabo. Ni nkuko bogira bati nta bweranda burimwo kubera tutavyumva. Ariko akarorero gahambaye tugasanga mu cifuzo ca Simoni umupfumu (ibikorw.8,9-24). Uyo muntu Simoni abantu baramutangarira bakamwita bubasha bw’Imana kubera yabapfumurira bagatangara. Mu nyuma yahavuye aha amahera abatumwa ngo bamuhe ububasha bw’uguha Mutima Mweranda abantu. Ariko yashaka ko abantu baguma bamwirukira, bamushimagiza kuberaazi kandi ashoboye vyinshi: si uko yashaka kunywana n’Imana,yishakira gutera imbere mu kumenyekana n’uguhurumbirwa.

Ico twoshimira Imana ni uko mu buzima bw’Ekleziya vyagiye biraboneka neza ko ubweranda budashingira ku bushobozi n’ubwenge bw’ugutegera amabanga y’ukwemera, bagumye berekana ko ubweranda bushingira imizi mu rukundo. Abahagarara ku bwenge n’ubumenyi bwa muntu, bagira mweranda umutima utari mw’isi y’abantu, umutima udashobora gukora ku mubiri wa Kristu ubabara mu bari mu bubabare. Ni umutima wibereye mu bitabu vyanditswemwo amajambo yerekeye ubweranda. Ugukura mu buzima amabanga y’ukwemera, ukuyashira mu kirere c’amajambo gusa ni uguhitamwo gusenga Imana ataco ipfana na Yezu Kristu, n’ugusenga Kristu atari muri Ekleziya, ni ukwiyumvira Ekleziya itarimwo abana b’Imana (N.M.n°37).

 

III.1.3°. Ubwenge bw’umuntu butegera agace: Reka Imana ibe Imana!

 

Ego cane, ubwenge bw’umuntu ntibushobora gutahura vyose. Abibaza ko ubweranda bushingira ku muganda w’ubumenyi mu vy’Imana birumvikana ko bashira umwete wose mu gusigura no gutahura ku buryo bashika aho bibaza ko bazi vyose. Muri ico gihe, baca bibaza ko Imana bayizi yose n’ivyayo vyose. Kuri bo ntibikenewe ko Imana ibimenyesha, ahubwo mbere bashaka ko abantu bose botegera Imana uko bayitegera, nibo rugero rw’abandi mu bumenyi no mu bweranda. Murumva ko iyo ari intambamyi ikomeye ku nzira y’ubweranda. Abantu bene abo barigungana ivyerekeye ubumenyi bw’ivy’Imana, ariko kandi ivyo bazi ni amajambo ari mu kirere atawe akiza: ntamenya ko unyotewe, ugenda gusa, uri mw’ibohero, ushonje, ukanye, n’ibindi. Ico bibaza kibagira beranda ni ubumenyi bw’ibinyegezwa vy’Imana, inema yayo n’imibanoy’abantu. Muri make bafitiye inyishu ibibazo vyose abantu bashobora kwibaza. Abantu bene abo ni abahanuzi b’ibinyoma, ico bashaka si ugusenga Imana, ni ugukoresha idini kunyungu zabo no kugira basigure ibiri muri bo. Imana iraturengeye cane, yama idutangaza. Si twebwe rero tuyibwira igihe nyaco co guhura natwe kuko ata bubasha dufise bwo gutegekanya ibihe, ibibanza n’uburyo bwo guhura nayo. Uwushaka gutegera vyose aba ashaka gusumba Imana.

Ni ukwitonda rero ntiduhube. Nta n’uwushobora kuvuga aho Imana itari, kuko Imana iri mu buryo bw’akayobera mu buzima bw’umuntu wese uko yishakira. Ubuzima bw’umuntu naho bwoba bumeze nabi, Imana iba iri muri bwo. Imana ntiheba umuntu. Ico dukeneye ni ukurongorwa na Mutima Mweranda aho kurongorwa n’ivyiyumviro vyacu. Niturondere Imana mu buzima bw’umuntu wese, nta ruhebwa ariho. Mu vy’ukur, ubumenyi bw’ivy’Imana si ubumenyi bwugaye, ahubwo buruguruye ngo buboneshereze ubuzima, hanyuma ubuzima nabwo bugatuma ubwo bumenyi butera imbere. Ni dufatire kuri Yezu we kuri n’ubuzima, turabe ingene ukwo kuri kwiyerekanye mu buzima bwacu, mbere nakwo nyene kukigira umuntu: “Jambo yigize umuntu abana natwe (Yoh.1,14). Vyama vyashitse rero abantu bakihenda mu kwibaza ko iyo umuntu azi ikintu akanagisigura uko acumva wewe aba ari umweranda, intungane, asumba urunkuguta rw’abandi benshi ataco bazi. Umweranda Papa Pahulo wa II yaragabishije abagize amahirwe y’ukwiga bakaminuza ngo ntibahirahire ngo basuzugure abandi bakristu; ahubwo ivyo bazi nibibafashe gutera imbere mu rukundo, kuko muvy’ukuri “twiga ngo tumenye kubaho, ubumenyi ndoramana n’ubweranda ni ibintu bitegerezwa kujana” (N.M.n°45).

Eka na Fransisiko mweranda w’i Asizi na Bonaventura mweranda ni uko babibona: ubumenyi ni bujane n’ubuntu. Nta bumenyi butagira ibikorwa. Ego cane gutera imbere mu bumenyi ni vyiza, ariko ni bijane n’ibikorwa vy’urukundo: ubwo nibwo bweranda. Ahiganje ubujuju bimera gute?

 

III. 2. Ubweranda bushingiye ku nyungu za muntu gusa

 

Bukebuke abantu bagiye barabona ko ubweranda bushingiye kuvyo umuntu azi atari bwo. Niho rero bahava bakarwa mu rundi ruhubo rwo gufatira ubweranda ku nguvu za muntu. Tubizirikane.

 

III.2.1°.Imana niyo yadukunze ubwa mbere (1 Yoh. 4,14)

 

Agaciro kahora gahabwa ubumenyi kahavuye kimukira ku twigoro canke inguvu za muntu: ubweranda bushingiye ku nguvu zanje. Muri ico gihe inema z’Imana ntaco ziba zikimaze. Pahulo mweranda aratwibutsa ko atari ugushaka canke inguvu za muntu ziri imbere, ikiri imbere ni Ubuntu bw’Imana (abanyaroma9,16). Mbere yahavuye abibonamwo icemeza ko Imana idukunda: kubera Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi (abanyaroma5,8). Imana ntiyaje kuducungura kubera ibonye inguvu zacu, ahubwo yabonye amagara make yacu yadutumye twinjira mu muzimagiza w’isi. Yezu ashitse kw’isi, igihugu cagendera mu muzimagiza carabonye muri we umuco w’amakungu yose. Mbere kubera hari abanse guhinduka, vyabaye ngombwa ngo Yezu arwane gushika no kumusalaba. Inguvu za muntu sizo za mbere: nitwemere duce bugufi.

 

III.2.2°.Inguvu z’umuntu zitarimwo ukwicisha bugufi zivyara ubwishime

n’ukwibesha(Amamuko.17,1)

 

Hariho abantu bishimira inguvu zabo, naho mbere mukanwa baguma baririmba inema

y’Imana:bibaza ko basumba abandi ku kubera bakurikiza amategeko amwamwe canke kubera barimu migwi Katorika imwimwe.Papa Fransisko agira ati :″Iyo bamwe bamwe bavuga ngo vyose birashoboka ku bw’inema y’Imana, babivuga kuko bafise akamenyero ko kwibaza ko vyose bibashobokera kubera babishaka, nkuko umengo ugushaka kwabo ni kweranda.Inema imeze nk’iyiyongerako gusa.Baribagira ko bose badashobora vyose kandi ko muri ino si inema idakiza burundu amagara make yose(N.M, n°49). Niho rero Agostino mweranda yagira ati: « Kora ico ushobora ico udashobora naco ugisabe »canke ati « Mukama numpe ico utegeka hama utegeke ico ushaka. »

Burya ukutemera intege nke zacu birabuza inema y’Imana kudukoreramwo neza.Kubera inema y’Imana ikorera muri kamere yacu, ntica itugira ibitangaza ubwo nyene: uwovyibaza uko yoba yashize umwizero urenze muri we nyene.Muri ico gihe turavuga inema y’Imana ariko ntibivuga ko twemera ko tuyikeneye. Kandi rero tutabona neza ico turi vy’ukuri (ko abantu bafise intege nke) ntidushobora no kubona ico Umukama adusaba buri gihe, kuko tubona ko twamaze kubishobora.Inema y’Imana iza mu buzima bw’abantu ngo ibaherekeze bukebuke,intambwe kuyindi.

Inema niyo ituma Aburahamu agendana n’Imana nkuko ibishaka; yari umutama ariko Imana yaramushoboje.Birakenewe ko twicisha bugufi. Ni ugufata urugendo turikumwe nay o twizigiye urukundo rwayo mu buzima bwacu.Ntidutinye kugendana n’Imana kuko ntakindi idushakira Atari iciza gusa.Ni Data yaturemye akadukunda cane.Tumwemeye tukareka kwigubana ubuzima bwacu, ubwoba bw’ukuba twenyene burahera(Izaburi139, 79; 23-24). kenshi turavuga ko Imana iba muri  twebwe, ariko vyobaye vyiza cane tuvuze ko tuba mu Mana, ko iduha kuba mu muco n’urukundo vyiwe.Twibuke ya Zaburi ngo : « Hari ikintu ncambirwa, ni ukuba mu nzu y’Umukama iminsi yose y’ubuzima bwanje. », ahandi naho ngo « kumara umunsi umwe iwawe biruta kumara igihumbi ahandi »(Izaburi 84,11).Muri we niho tubera beranda. Inyigisho z’Ekleziya naho zishingiye.

 

III.2.3°. Twibukanye inyigisho z’Ekleziya

 

Ekleziya Katolika yamye yigisha ko urukiza tutarukura ku bikorwa canke ku kwihata kwa muntu, turukesha inema y’Imana yo ari yo itangurira iyo nzira. Aberanda bose n’abigisha b’Ekleziyabaremeza ko igitangura ari inema y’Imana ikora muri twebwe nk’isoko ry’ingabirano zose. Mu manama y’umuryango yagiye araba,baguma bagaruka kuri ibi vyiyumviro: nta n’umwe yogura inema y’Imana canke ngo ayisabe nk’uwuyikwiye, no kwemera gukoreshwa nayo ni inema

y’Imana, no kwipfuza gutyororwa ni igikorwa ca Mutima Mweranda muri twebwe…Ikatikisimu y’Ekleziya katorika iremeza ko inema y’Imana irengeye ubushobozi bw’ubwenge n’inguvu z’ugushaka kwa muntu. Imana niyo nkuru cane: hagati yayo na twebwe ubusumbane ni ntangere.

Ubucuti bwayo natwe ntawobugura n’ibikorwa vyiwe, nta kundi dushobora kubuhabwa Atari nk’ingabirano. Ico aberanda birinze ni ugushira umwizero mu migambi yabo. Tereza mweranda w’umwana Yezu yagize ati:”Ku mugoroba w’ubuzima, nzoseruka iminwe iri gusa, kuko Mukama singusaba guharura ibikorwa vyanje. Ubutungane bwacu bwarasize amakanda ku maso yacu”.

Kugira dukengurukire Imana, ni ngombwa ngo twemere ko ubuzima bwacu bw’aha kw’isi be n’ingabirano ziri muri bwo ari ingabirano z’Imana yacu. Mbere n’ukwishira n’ukwizana kwacu ni inema y’Imana. Ibi duhejeje kuvuga biragoye ko isi ivyemera kuko yibaza ko hari ivyo yifitiye, yiharije, ari ivyayo bwite. Ariko tudahereye ku ngabirano ntaho dushika. Duhereye kuri yo, niho dushobora gufashwa nayo ngo utwigoro twacu dushike ku gutera imbere mu bweranda umunsi ku wundi.

 

III.2.4°.Uko bimeze uyu munsi n’ingene twokira

 

Uyu munsi naho nyene abakristu babona ishingiro ry’ubweranda ku nguvu n’ivyo bazi bariho. Bazi vyinshi, barasenga no gusenga, ariko ugasanga urukundo rw’ukuri ntibagira namba.Ivyo navyo biboneka kwinshi : ukwihambirira birenze ku mabwirizwa, ukunezererezwa n’ukwerekana ubukuru muvy’imibano na politike, ugutondesha birenze akantu kose muri liturugiya, hari no kwiyerekana, mu nyigisho be n’icubahiro vy’Ekleziya, ukwishimagiza mu migambi turangura,… Abakristu benshi barashira umwanya muri ivyo aho kureka ngo Mutima Mutagatifu abe ariwe abarongora mu nzira y’urukundo, aho kururumbishwa n’icipfuzo co kumenyesha ubwiza n’akanyamuneza k’inkuru nziza canke ngo barondere abatakaye bo muri iryo sinzi rinyotewe Kristu (N.M n°57).Aho gukoreshwa na Mutima, hari aho usanga Ekleziya umengo n’ubushinguro bw’ivyakera, bwiganziwe n’akarwri gatoya.Ivyo biba cane cane ahari imirwi imwimwe yihambirira ku mategeko, ku migenzo n’inyifato zidasanzwe.Uca usanga injili bayigize igisakazo, atabuzima na bukeya burimwo.Muri ico gihe, inema y’Imana ica iyonganwa n’indinganizo z’abantu :ibi bifata canecane imirwi, imiharin’imibano mishasha. Nico gituma batangurana ubuzima mu nyuma bagaheza bameze nk’ibikankara vyapfuye.

Iyo twibajije ko vyose bishingiye ku twigoro twacu tubonekera ku ndinganizo n’inzego zihanitse, inkuru nziza ica iba amananiza, tukaba abaja b’inyubako zihanitse zidaha akaryo inema ngo ikore.Icotuma dukira ni ukumenya gutandukanya ibintu ngo tumenye ibihambaye n’ibidahambaye.Ikibanza ca mbere ni ic’ingeso ndoramana zirongowe n’urukundo :Zikomoka ku Mana zikatunywanisha nayo.Ni ukwitonda rero ngo urukundo ruhabwe icicaro ca mbere mu mitima yacu :Pahulo agira ati uwukunda aba yaranguye amabwirizwa anengeserejwe(abanyaroma13,8-10).

Vyose bihagaze aha: « urakunda mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene”(Ga5,14) .Mu muyirwe w’amabwirizwa n’amategeko, Yezu aruguruye akanyuro kadufasha kubona neza Dawe na mwene wacu.Si amabwirizwa abiri, ni rimwe :Dawe twihweza muri mwene wacu.Muri mwenewacu, uyo mutomuto, uyo akengerwa, arwaye, tuhabona Dawe.Muri uyo muntu ntamagara, abonwa nk’umucafu, ku muhero w’isi Dawe azoheraheza igikorwa ciwe.Nkako, inyuma y’uguhera kwa vyose hazosigara Umukama na mugenzawe :Iryo tunga ntiriyoka. Ni uko rero, Imana nikingire Ekleziya ukwo guhuba yongere ifashe umwumwe wese ngo arabe ingene ariko arabandanya ku nzira nziza y’ubweranda.

 

Umunsi ugira kane : kuwa mbere igenekerezo rya 19 :

 

  1. YEZU KRISTU AKARORERO K’UBWERANDA. (MAT.5, 3-12)

 

Twarabonye ibiranga umuntu mweranda,ibiboneka n’ibitaboneka. Ikibazo umuntu wese ashobora kwibaza ni iki : nokora iki ngo mbe umukristu mwiza ? Nokora iki ngo mbe mweranda ? Mbega inzira zishikana ku bweranda ni izihe ? Inyishu tuyisanga mu nyigisho Yezu yatanze ijanye n’ubuhirwe (Mat5, 3-12). Ikarata ndangamukristu

ni ubuhirwe nkuko Yezu abiduhako akarorero. Umweranda ni uwuri n’umutima ushima ubworo, uwitonda, uwuri mumarira, uwushonje ubutungane bw’aho abaye, uwuri n’impuhwe n’ikigongwe, urya aremesha amahoro, wawundi afise umutima mwiza ; urya kandi adaterwa ubwoba n’uruhamo rumushikira kubera ubutungane. Nkuko Papa abitubwira ubuhirwe ni icitiranwa c’ubweranda.

Inzira Yezu atwereka ari nayo yaciyemwo itandukanye n’inzira ab’isi bahurumbira, za nzira z’ikirari zitwara mu rupfu. Inzira za Yezu ziratangaje kandi ziranahungabanya abantu.

 Umve namwe ngo hahiriwe aboro ! mw’isi ya none umukene ni nta-jambo, umworo ni nyagupfa, na nyina aramwanka. umuntu ni uwufise ibintu, uwuri n’ico yiha agaha n’abandi. abantu benshi bashize umwishimiro wabo kumatungo bafise, umutekano wabo bawuzeye ku matungo yabo ku mafaranga bafise. Bazi ko barwaye bazivuza, ico bakaneye cose baciha. Amatungo yabo adakingiwe nabonyene ntamutekano bagira. Intambara iteye canke ikindi kiza icambere bahungisha ni amafaranga ico bibagira ni uko urupfu ruje ataco batwara. Umutima ushima ubworo udutuma twitandukanya n’ivyo dutunze bigatuma twidegemvya muvyo dukora ntitube abaja b’ifaranga.

Umwanditsi w’inkuru nzira Luka niwe agira ati hahiriwe aboro, agahamagarira abatunze gusabikanya n’aboro. Yezu yarabiduhayeko akarorero ko kugendera ubworo ngo natwe tumwigane. Ekleziya ya Yezu kristu ni ishure ry’ukugendera ubworo bamwe mbere bakabugira uburyo bwabo bwo kubaho ngo bifatanye n’aboro.

 Yezu ati hahiriwe abitonda : nkuko twabizirikanye, ubwitonzi ni ikimenyetso kitabesha c’uwurondera ubweranda bwa minsi yose. Muri iyi si yiziziwe n’ubukozi bw’ikibi n’agacinyizo kabaganza, abantu bama bahanganye; imishamirano n’amatati bigatuma twama muruhagarara ; abantu bitonda bangenzebuhoro barakenewe ngo isi ironke amahoro. Yezu ati ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi. Ubwitonzi ni icamwa ca Mutima Mweranda. Umuntu yitonda si ikijuju canke intama, ahubwo ni uwuzi gushishoza akamenya intege nke z’abandi akabatahura, akabihanganira naho boba batari mukuri kugira atekane kandi ahe itekane abandi. Umweranda Tereza ati urukundo nyakuri si ikindi atari ukwihanganira amagara make y’abandi. Umurundi nawe ati uwihoreye ahonga bike.

 Harahiriwe kandi abari mu marira kuko bazohozwa: amarira Yezu avuga si amarira y’abigirisha canke atewe n’ububegito bwacu. Ni amarira y’ abababara kubera ububabare bw’abandi canke batewe n’abandi, canke ibiza bibashikiye bitabavuyeko bakavyakirana umutima wemera kandi wihanganira abandi.

Muri iki gihe abantu ntitugomba ikintu kitubabaza; iyo tubonye umuntu agowe turahunga tugahisha amaso ; tugerageza kurondera ibintu vyotwibagiza ububabare bwacu canke ubwa benewacu. Isi yanone iratinya amarira n’amaganya ; gukora ngo ibidutera amaganya bihere ni vyiza ariko urupfu, indwara, ubukene, indwano bizokwamaho kuko ni bigize imigenderanire y’abantu. Umuntu abona

ibintu uko biri akavyakira atidoga kandi atawe atayeko umwikomo, urya arinda umusaraba wiwe akakira n’uwa mwenewabo kugira amuruhurire nka Simoni w ‘i Sirene yakira Yezu umusalaba, uyo ni mweranda.

Ukwifatanya n’abarushe n’abababaye nibwo bweranda. None Paulo ntagira ati ni murirane n’abarira. Ntitukanezerezwe n’uko uwundi ariko arababara nawe wiryohererewe.

 

 Harahiriwe kandi abarondera amahoro kuko nibo bana b’Imana. Ubu buhirwe budutuma twibaza kuntambara ziri hirya no hino kw’isi. Izo ntambara ziterwa na bande atari twebwe! Kenshi turaba inyanduruko y’amatati canke isoko ryo kutumvikana hagati y’abantu n’abandi. Ivyo biraba igihe

cose ndorera, nteranya abantu; ndababeshera ikinyoma c’agacamutwe, igihe cose nshigikira intwaro z’agahotoro…

Ukubeshera n’ukwararaza abandi ntibitandukanye n’ibikorwa vy’iterabwoba. Aho kwararaza uwundi mushikire muyage umuhanure ureke kumuvugira mu ntamatama.

 Kubaka amahoro ntivyoroshe mu gihe bisaba kwicarana n’abantu bose harimwonabo tutumva

ibintu kumwe, abo twita abanyamahanga, abansi, abagoye. Abo nyene nibo bokwitwararikwa. Yezu

ati subiza hamwe n’uwo mushize kubiri mugifatanije akayira. Ivyo bisaba kwugurura umutima

tugashira imbere urukundo rumwe rudutegereza gukunda n’abatwanka. Ico gikorwa rero si ico mu

biro, si ico kuja kumeza y’ibiganiro tutavugana ukuri kubitubujije amahoro, ni nyabuna kwemanga

amatati ari mu bantu, ubudasa bwacu muvyiyumviro tugaheza tugahindukiza icari intambamyi

kigahinduka akaryo ko kwubakira hamwe isi nshasha. Gutera imbuto y’amahoro ni ko kuba mweranda. Paulo ati: kurikiza ubutungane n’ukwemera, urukundo n’ amahoro urikumwe n’abambaza umukama n’umutima ugororotse (2Tim. 2.22)!

 Abahirwe bandi Yezu atubwira ni bamwe bama basaba n’umwete mwinshi kuko bafise inyota yo kubona ubutungane bw’Imana bwiganje mw’isi. Ubutungane Yezu avuga si ubu bwo mu ma sentare, ni cane cane kwitwararika guha Imana ikibanza cayo mu buzima mukurangura ico ishaka cane cane mugutunganiriza abatobato, iyo umuntu atanguye kuja aritwararika kuba mukuri muvyo akora n’ivyo avuga.

Umuntu w’ intungane ntiyemera kwicara mugahari k’abarenganya abandi bakikwegerako vyose, ntibibuke gusabikanya n’abandi bakitwaza wa mugani wataye igihe ngo: “umubangabanga urya uwubangutse “canke ngo “amazi make aheberwa impfizi”.

 Hahiriwe abanyakigonwe : ikigongwe gifise insiguro zibiri:

  1. Gutanga, gufasha no gushigikira abari mu bukene kuko ubagiriye impuhwe, ubumviye ikigongwe, ivyo bikagaragarira muri vyabikorwa vy’ikigongwe bikora ku mutima na bimwe bikora ku mubiri: kugaburira uwushonje, guha indaro ingenzi, kwambika uwuri gusa, kuramutsa uwuri mw’ibohero, gufuba abapfuye, guhanura abari mu gicumuro, gusabira abandi, kwihanganira abatugora,…
  2. Ikigongwe kandi ni uguharira abandi bandengeye akarimbi, bamvuze nabi canke bantirimukije kubera inyifato yabo. Iyi ngendo izirana no kwihora no kugera ingere ku yindi. Twese turi abacumuzi tubeshejweho n’ubuntu n’ikigongwe vy’Imana. Umuntu yuzuye impuhwe n’ikigongwe ni mweranda kuko afasha n’abandi gushikira ubweranda, mukubarekurira twibuke rya jambo rya Yezu agira ati:” ni mube abanyakigongwe nka so wanyu wo mw’ijuru; ntimucire abandi urubanza niho namwe mutazoruciwa,… ni mutange niho namwe bazobaha, ingero mugeresha niyo namwe muzogererwako.” (Mt 6, 36-38).

 Harahiriwe kandi abari n‘umutima mwiza

Ivyo dukora vyose canke ivyo tuvuga biva mu mutima wa muntu. Umutima mwiza ni umutima uzira inzigo, uburyarya, wanka igicumuro; ni umutima urimwo urukundo rwugurukiye bose, ni umutima nk’uwo umwana muto. Muri Bibiriya umutima wa muntu niko kami kiwe, niho tuyagira n‘Imana .Umutima mwiza ubonekera mu bikorwa vyiza no mu mubano mwiza. Umutima mwiza niwo utuma umuntu yemera kwihebera abandi atakarusho arondera; ikiva mu mutima wa muntu nico kandi kimucafuza: ubusuma, ububeshi umwina w’ ivy’isi: ivyo vyose biva mu mutima.

Inkuru Nziza ya Matayo ikigabane ca 25, iratwereka ko ikigongwe arirwo rupimo n’urugero rw’ ubweranda bwacu. Yezu ntadutumirira gukunda abandi gusa aradutumirira cane cane kumwigana no kumufatirako akarorero kuko yatugaragarije ikigongwe c’Imana. Mu kigongwe tugirira aboro n’ abakene niho hagaragarira bimwe biranga ubweranda dusanga mu buzima bwa Yezu. Iyo dusanze umuntu arambaraye kw’ibarabara kuko yishwe n’inzara, atagira ico yambara ubwo singira ngo ico ni ikibazo ca Leta, nti abo bantu batera umucafu mugisara canke nti aboro ntibazigera babura? Aho kwiyumvira uko nabwirizwa kubarabana amaso y‘urukundo nka Yezu na wa munyasamariya w’ubuntu nkamenya ko ari ikiremwa gifise iteka nkanje, umukundwa w’ Imana akeneye kwubahwa no gusonerwa. Ivyo binsaba guca bugufi nkigana Yezu.

 Hari ivyiyumviro aba kristu bagenderamwo bidahuye n’inkuru nziza: abakristu bamwe bagomba gutandukanya ivyo inkuru nziza idutegereza, imigenderanire bafitaniye na Yezu n’inema baronka mugusenga. Ibisabisho, gusoma ijambo ry’Imana ntibishobora kutubuza kwitwararika icoteza imbere umworo. Hari ababona ko kwitaho iteka rya muntu, kugwanira ukuri, guharanira ko ubuzima bwubahwa ari ivy’abisi, ari ukubirekera abanyapolitike n’abatunganya ivy’intwaro, twebwe tukisengera gusa; uko ni uguhuba. Raba Yezu ingene yarwaniye iteka ry’umworo n’umucumuzi. Gukingira iteka ry’ikibondo kikiri munda kigomba kunigirwa mu menshi, guharanira iteka ry’umurwayi ngo ntahohoshwe ni igikorwa c’urukundo nko kwigisha abana. Ntidushobora kwiyumvira ubweranda bwirengagiza akarenganyo kari muri ino si, aho bamwe bama mu minsi mikuru abandi bariko baricwa n’inzara no kubura umuti. Umukama ntashaka gusa ibisabisho n‘inkuka tumuhereza kuri altari. Umukama ashimishwa n’umutima wuzuye ikigongwe. Uwushaka kuninahaza Imana neza mu buzima, yifuza kwitagatifuza aratumiriwe kwitwararika ibikorwa vy ‘ikigongwe.

 

Umunsi ugira gatanu, kuwa kabiri, igenekerezo rya 20:

 

  1. INZIRA Y’UBWERANDA NI URUGAMBA RUSABA GUSHISHOZA NEZA

N’UKWICUNGERA (1 Pet. 5,8, Abanyef., 6,11-16)

 

V.1. Ubukristu ni intambara : intambara n’ukwicungera

 

Ubuzima bukristu ni intambara y’urutavanako. Uhevye kugwana ntuba ukiri umukristu. Umukristu arakeye inguvu n’ubutwari kugirango arinde amageragezwa ya shetani yongere amenyeshe inkuru nziza. Iyo ntambara ni nziza kuko iduha akaryo koguhimbaza Yezu Kristu yatsinze mu buzima bwacu. Iyo ntambara rero si iyo kugwana gusa n’isi n’ivyiyumviro vyayo biduhenda bikaducobogoza gushika itugire ibinenteri ataco bishoboye kandi bitagira akanyamuneza ; si ukugwana n’abamagara make yacu hamwe n’impengamiro zacu (ubunebwe, akaryoheramubiri,

ukwipfuza, ishari, …); ni kandi intambara yamaho tugwana na shetani nkomoko y’akabi. Iyo dutsinze, Yezu aragira umunsi mukuru : Ni nka yantama iba igarutse mu ruhongore. Yaranezerewe cane abatumwa bateye imbere mu kumenyesha inkuru nziza, naho baca mu bigoye : « Nabonye shetani ikoroka iva mw’ijuru nk’umuravyo » (Luk. 10,18). Mbega bose barazi ko shetani iriho?

 

V.2.Shetani iriho, si umugani (1Petero 5,8)

 

Iyo umuntu aravye ibiri mu buzima akoresheje amaso gusa adakoresheje amasoy’ukwemera, vyomugora kwemera ko shetani iriho. Ukwemera ko shetani n’ububasha bwayo biri mw’isi yacu biradufasha gutegera igituma ikibi gifise rimwe na rimwe ububasha ruhonyanganda. Naho abanditsi ba Bibiliya batari bafise amajambo y’ukuvuga ibintu bimwe bimwe (nk’intandara bakayigereranya na shetani) ntivyotuma tworosha ibintu gushika aho tuvuga ko shetani n’ububasha bwayo bitabaho.

Shetani iraboneka kuva mu mirongo yambere ya Bibiliya, aho mbere banatwereka ko Imana yayitsinze (Amamuko 3,1-19). Yezu wenyene igihe yatwigisha igisabisho ca « Dawe wa twese », yaratwigishije gusaba ngo Dawe adukize akabi. Ijambo yakoresheje rivuga « Umunyamayeri ». Ni uwushobora gukora rero : atugirira nabi.

Shetani si umugani, iriho : si ukugereranya, gushushanya canke iciyumviro. Ukwiyumvira gutyo vyotuma mbere twijajara, twimenyera tukaba tukageramiwe. Erega kuri shetani si nkenerwa ngo itubemwo, iduha ishano ry’inzigo, ry’umubabaro, ry’ukwipfuza, n’iry’ubundi bubegito. Duhevye kwicungera ica ifatira aho nyene igasibanganya ubuzima bwacu, ubw’imiryango yacu, n’imibano yacu kuko nkako « Ishetani yama yiyerereza nk’intambwe, iroha, irondera uwo yorotsa » (1 Petero 5,8).

 

V.3.Niturwane intambara twizeye gutsinda

 

Mwibuke ka karirimbo ngo « twambariye urugamba dohore turi maso »,Yezu Kristu na Mariya baturi imbere. Ntaco mugira ubwoba rero ! Aho ntituvuze amabalayika bakuru ( nka Mikaheli Mweranda) n’abamalayika barinzi. None uriko uragwana ? Ntushobora kuba mweranda utarwana. Ijambo ry’Imana rirabitomora neza : « Nimwambare ibigwanisho vy’Imana ngo mushobore guhangana n’imitego y’ishetani » (Abanyefezi 6,11), mwongere mubashe kuzimya imyampi irurumba y’umubisha (Abanyafezi 6,16) Ayo si amajambo y’ukuryoherereza, n’ay’ukuri kuko inzira igana ubweranda ni intambara idacika.Uwudashaka kuvyemera azosanga yaguye mu buzima bw’imburakimazi.Muri iyo ntambara, ntituri imbokoboko, turafise ibirwanisho bikomeye duhabwa n’Umukama : Ukwemera kubonekera mu gisabisho, mukuzirikana ijambo ry’Imana, muguhereza inkuka ya Misa, mu gushengerera Yezu mu Karistiya, mw’Isakramentu rya Penetensiya, ibikorwa vy’urukundo, kubana n’abandi be n’ukumenyesha inkuru nziza.

Twihenze tugasamara, shetani ic’iza ikadusuka mukutwemerera ivyiza vyinshi biturutse mu nabi. Patiri Broketo ati « Mbega bimara iki ko lusiferi atwemerera kutubohora akanaturamagiza ivyiza mu gihe ari ivyiza vy’ububeshi (atari ivy’ukuri), mu gihe ari ivyiza biroze ? Kunzira y’umukristu hategerezwa kuba ugutera imbere mu neza, ugukura muvy’umutima n’ugukura mu bikorwa vy’urukundo. Ntawugwanya shetani agumye yicaye hahandi, ashimishwa n’ugukora bikeya, yarahevye kurota no guhurumbira kwihereza Imana wese mu rukundo. Iyo yemeye gutsindwa hoho kaba kabaye, aba atakaje icakabiri c’intambara akaba yanahamvye amatalenta yiwe.

 

V.4. Ni mube maso, mutohoze, mumenye aho muhagaze (Luka12, 35; Mat. 24, 42; Mariko 13,35)

 

Inzira y’ubweranda irimwo amahoro n’akanyamuneza biva kuri Mutima mweranda, ariko birasaba ko tugumana amatara yaka (luka 12,35). Birasaba kandi ko tuba maso tukirinda akabi kose (abanyatesalonika5, 22). None rero birumvikana: “Nimube maso” (Mat.24,42; Mariko13,35). Ntidusinzire (1 Abanyates.5, 6) kuko abibaza ko badacumura bashobora gusanga baraguye mw’itiro ry’umukondorazosi.Uko kuntu babona umengo nta bwirizwa barenga bituma bagenda baradorongera gushika bazime, bafutane, bahindane, bagapfa umutima.

Ubupfamutima ni bubi gusumba ukurwa kw’umucumuzi, kuko umupfamutima yaguye mu buhumyi bw’umutima, akiberaho yorohewe kandi yikwiye gushika aho yumva vyose birekuwe: ububeshi, ukwararaza, ukwikunda n’ibindi nkivyo; nka kurya nyene shetani yihinduye umumulayika w’umuco (1Abanyakorenti11, 14). Uko niko umwami Salomo yarangije iminsi yiwe, mu gihe umwami Dawudi we, naho yari umucumuzi cane, yemeye akabi kiwe agasaba imbabazi agahaguruka. Yezu aratugabisha aho avuga umuntu yakijijwe idayimoni, akibaza ko ari muzima ariko agahereza ku guterwa n’amashetani indwi (Luka11, 24 26). Si aho gusa, Bibiliya iravuga ahandi ngo”imbwa isubira kuvyo yadashwe” (Imigani26, 11; Petero2, 22).

 

V.5. Tohoza umenye ibiva kuri Mutima n’ibiva ahandi.

 

Ego cane, ibitavuye kuri Mutima biva ku gatima k’isi no kuri shetani. Twobimenya dute? Shishoza! Tohoza. Mu nama y’umuryango iherutse, abavyeyi bacu muri Ekleziya baratumiye urwaruka gutohoza ivyo barimwo, babitahure kurya Yezu yatahuje abigishwa b’I Emawusi kuko ivyabashikiye babona umengo ni umushiro wa vyose. Gutohoza! Ego cane. Gushishoza si ukugira ubushobozi bwo kwiyumvira canke kumenya ibintu muri rusangi gusa, ni ingabirano y’ugusaba Imana: tuyisaba Mutima Mweranda ariko tukayiteza imbere mu gisabisho, mu kuzirikana, mu gusoma inyandiko nziza n’impanuro nzima. Birakenewe cane kwimenyereza gutohoza ibintu. Muti kuki? Uyu munsi mw’isi hari ibikorwa vyinshi n’ubusamazi bwinshi, kandi vyose igashaka kutwereka ko ari nkenerwa kandi ari vyiza. Urwaruka cane cane ubu rurashobora gukorera kuvyuma bibiri mu mwanya umwe canke kuyaga mu mwanya umwe n’abantu babiri mu buryo bwa none bw’uguhanahana amakuru. Hatabayemwo ubwenge nyabwo (ubwitonzi) buva mu gutohoza ibintu, turashobora kuba ibikinisho vy’ivyiyumviro vy’igihe gito.

Ivyo birakenewe cane iyo mu buzima bwacu haje ibintu bishasha: dutegerezwa kwibaza ko ari umuvinyu mushasha w’Imana canke ari ububeshi bwa shetani. Mu kindi gihe usanga inguvu z’ibibi zaratuboshe tugafata ingendo y’ukugumiza uko vyamye kuva hambere hose maze bigashobora kubuza akayaga ka Mutima Mweranda kwinjira n’ugukora. Ego niko turidegemvya, ariko twidegemvya muri Kristu, niturabe ibiturimwo (ubwoba, ivyipfuzo, agahinda) n’ibiri hanze kugira ngo tumenye gusoma ibimenyetso vy’ibihe:”Mwitegereze vyose muheze iciza mukizigame” (Abanyates.5, 21). Ugutohoza kwiza gushingiye kuki?

 

V.6. Ugutohoza kw’ukuri aho gushingiye?

 

Twavuze ko twobisaba Mutima Mweranda, mu gisabisho rero.Twavuze n’uburyo gushinga imizi (gusoma, kuzirikana, guhanuza). Twibuke mugabo ko gutohoza tutobigira gusa mu bihe bidasanzwe mu buzima bwacu : ni igikoresho co kurwana ngo dukurikire Umukama. Turabikeneye igihe cose kugira ngo ntidupfishe ubusa impanuro z’Umukama, ntitwumve nabi ico Umukama aduhamagarira, ntiduhushe igihe nyaco cokwitaba ijwi ry’Umukama. Ntimusuzugure ibikorwa n’ubuzima vya minsi yose : abakristu bose nibaze barisuzuma ku munsi ku munsi, mu kiyago cabo n’Imana idukunda cane. Aho niho twomenya uburyo Umukama ashaka kudukoresha mu  mugambi wiwe w’urukundo.

Ego niko ugutohoza birasaba intererano y’ubumenyi butandukanye (ku bantu, ku buzima, ku magara yo mu mutwe, ku mibano, ku migenzo,….) ariko ugutohoza kurabirengeye. Si ugushaka gutekana ku mutima, ni ugushaka kwinjira mu bumwe na Data we buzima bwacu be n’uwo yatumye Yezu Kristu. Ntibisaba ko umuntu aba ari igitangaza mu bwenge, Imana irafise uko yimenyesha kandi iganira n’umuntu wese, niwe tuvuga ko yihishurira bene umutima uciye ugufi (Mat.11, 25).

Agacerere karakenewe: naho Imana yihishurira abantu mu buryo bwinshi, igisabisho kirimwo agacerere kiradufasha kwumva amajambo y’Imana n’ugutahura insiguro yayo ku buzima bwacu ngo buhinduke. Ni vyiza rero ko tumenya kwumviriza : « Yaga Mukama umusavyi wawe arakwumviriza ». Gutyo tukemera guhindura mu gihe abidusavye. Ntitwoshingira kubidutekanya gusa, hari naho Umukama ashaka kutwuzuriza canke kutwerekeza ahandi. Muca mwumva ko bisaba ubugamburutsi: kugamburukira Inkuru Nziza na Ekleziya yatumwe kuyishikiriza, hamwe n’inyigisho z’Ekleziya zodufasha kwama ivyamwa vyiza mu minsi ya none. Ntawoshingira ku gusubiramwo vya bindi ibihe vyose, hari aho usanga vyarashaje, bitagikora.

Hariho ikindi kintu nkenerwa: gukurikirana intumbero n’ingendo y’umusalaba. Ni indero dukura ku kwihangana kw’Imana n’ugusonera ibihe vyayo bidahuye n’ivyacu. Iyo Mana ntimanurira umucanwa ku bahakanyi (Luk.9, 54), nkuko itemera ko barandagura urwamfu ruriko rurakurana n’ingano (Mat.13, 29). Biranasaba ko twamana urukundo kuko “birahimbaye gutanga gusumba kuronka” (ibik.20, 35). Ntidutohoza ngo turabe ico turonka muri buno buzima ahubwo dutohoze ngo turabe ingene tworangura ico twatumwe kuva mw’Ibatisimu. Ivyo bidutuma twitanga gushika no kuguheba vyose. Aho rero nta buzima na bumwe inema y’Imana ikumiriwemwo: ntihagire uwugira ubwoba ngo yiyugarane, Imana iyo ije ntifutanya ahubwo iruzuza ubuzima bukaba bwiza.

 

Umunsi ugira gatandatu: kuwa gatatu igenekerezo rya 21:

 

  1. IMIRWI N’IMIHARI NKORABUTUMWA NA NDERAMUTIMA /IMIBANO RUKRISTU NK’AMAYOGI Y’UBWERANDA. (Mat.25,31-46)

 

Nkuko abarundi bayamaze, nta wuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi kandi imbuto itewe niyo imera. Umuntu kugira ashike ku bweranda ntibiza giturumbuka aravyitegurira, agira aho avuye, ni nk’imbuto iterwa mw’ ivu ryiza igakura igahava ikama.

Imihari y’ ubutumwa muri Ekleziya ni amayogi, amatuta, ingemwe z’ubweranda zibadikwamwo zigakura hama zikaja guterwa ahandi. Ubutumwa bwo gushingira intahe urukundo rwa kristu mu bantu. Imihari y’ubutumwa muri Ekleziya, imibano rukristu biduha akaryo keza ko gutohoza imihamagaro yacu, tukagirako turangura ibikorwa vy’ urukundo. Ni amashure y’akanyamuneza, ishure ry’ikigongwe n’amahoro. Imihari n’imirwi nkorabutumwa muri Ekleziya yitwararika gufasha urwaruka n’abakuze kugendera inkuru nziza y’urukundo. Reka turabe ingene idufasha kwitegurira ubweranda dufatiye ku karangamutima kayo.

 

  1. Imihari nkorabutumwa:

– irangwa no gusenga ariko cane cane gukora ubutumwa mu bikorwa vy’urukundo; no gukina bitanga akamwemwe mu rwaruka. Ivyo bikorwa vy’ urukundo vyerekana wa mutima w’ikigongwe werakanwa n’abahirwe. Urwaruka canke abakuze bari muri iyo mihari baributswa ko ukwemera kutagira ibikorwa kuba kwarapfuye. Urukundo bakunda Imana barugaragariza mu bikorwa vy’urukundo bagirira banewabo, kugendera abarwaye, gusuhuza abafunzwe, kwubakira abatamakazi, gushikana abantu kwa muganga, guhanura abahunye.

 

– Ubweranda buva kuri Mutima atwosha ivyiza uyo nawe tugahurira mugisabisho.

  1. Imihari nderamutima na nkomezakwemera.

 

Iyo mihari iratureresha igisabisho ikatwegereza Imana mu kudukundisha amasakaramentu no mu kudukundisha umuvyeyi Bikira Mariya. Ico gisabisho gicika umutima w’ubutumwa kikadukundisha aboro, abakene, abarwaye abatama n’abatamakazi, abana bo mw’ibarabara,…biradukundisha umusalaba nka Yezu, tuyobowe na mutima; kandi twumvirije Mutima aratwongorera inzira n’umuhamagaro w’umwumwe ngo dushikire ubweranda. Mu mihari yacu tuhigira kwihangana no gusabira abababara.

 

  1. Imibano rukristu.

 

Nkuko twabibonye, kimwe mu buranga bw’ubweranda harimwo gusangira ubutumwa n’abo dusangiye umuryango.Nta bweranda bwa jenyene bushoboka; umubano rukristu ufasha abantu kwegerana, kumenyana no kwitanaho ukuruta.Ni ikibanza nyaco co kuranguriramwo vya bikorwa bidushikana ku buhirwe: guharanira ubutunga, gukomeza amahoro, kugaragaza umutima w’ ikigongwe n’ impuhwe, kwihanganira abatadutahura canke batuvuga nabi mukibano.

Umubano rukristu uratwibutsa ko ahari abantu hatabura amatati ariko ko umuti atahandi uva Atari mukwicarana tukayaga; tugahariranira bivuye ku rukundo. Mu mubano rukristu, mu muhari canke mu murwi niho tubonera ko ubutandukane bwacu ariryo tunga ryacu. Umukristu atitwararika ivyo mu kibano ciwe aba yibagiye ko ategerezwa kuba umunyu n’umuco w’isi. Ni muri uyo murwi ndimwo ntegerezwa kuba umwambiro.

Mu mirwi n’imihari turimenyereza kwamana amatara yaka nk’abarindiriye umukwe; tukahatohoreza imihamagaro yacu duciye mungabirano umuhari wose canke umugwi ushira imbere nko kuririmba, gutamba, gukina, gushengerera Yezu mw’Isakramentu ry’Ukaristiya, kwambariza abandi.Ivyo vyose tukabikora atanyungu tubizeyemwo atari uko Kristu yomenyekana kandi tukabikorana ubwitonzi no guca bugufi nk’abasuku basanzwe, bakoze ivyo bategerezwa.

Nkuko tubibona, imirwi n’imihari y’ubutumwa muri Ekleziya ni ibibanza vyiza umukristu yimenyererezamwo ubutumwa. Abatanguje iyo mihari n’iyo mirwi bose bisunze uburorero basanze ku beranda bavunyi b’iyo mihari abari muri yo bakabafata nk’icitegererezo c’uko ubweranda bushoboka. Kumenya Imana, kuyikunda no kuyikorera muri bene wacu nivyo bizodushikana mu bwami bw’ijuru. Abari mu bwami bw’ijuru nabo nibo beranda.

Ubweranda bwa minsi yose ni ingabirano iva ku kwemera ikavomerwa n’igisabisho, ikagaragazwa n‘Ibikorwa vyiza. Ubweranda si ivyiyumviro vyo mu bwenge canke ibikorwa vyohejwe n’ugushaka kwa muntu. Ninde kubwiwe wenyene yokwemera guheba ubuzima bwiwe kubwo abo atazi, ataco bapfana? Twugururire Mutima Mweranda atwigishe inzira y’ubuhirwe budahera.

Imirwi nkorabutumwa n’imihari ya Ekleziya ihamagariwe kutwibutsa ko mu kwemera dutegerezwa kugira uruhara aho tubaye, ko tutari mu rugundo rugana ijuru duhunze isi. Papa Francisiko arabitwibutsa mw’ikete ryiwe yise inkuru nziza y‘akanyamuneza.”Dufatiye ku mutima w’inkuru nziza, turategera isano riri hagati yo kumenyesha inkuru nziza no guteza imbere umuntu; bitegerezwa gukomezwa mu gikorwa cose co gukwiza hose inkuru nziza.” Muri iryo kete nyene niho yerekana ibice bikuru bikuru ubwo butumwa bwokwisunga, navyo ni ibi: kwitaho aboro, abatawe na bantamagara. Mu butumwa gatolika aboro n’abakene baza imbere; dutumiriwe kubegera tukumviriza ibibahanze, tukareka kandi nabo bakatwigisha. Imana iratubaza iti mwenewanyu Abel ari hehe? Mubutumwa bwo mu mihari no mu mibano twokwitwararika itunga rusangi.

Papa aradukebura ngo twiteho ivyo dusangiye twese cane cane abakristu bari mu ntwaro ko bokwitwararika gutunganya neza ivyo bashinzwe ati: “ndasaba ko abanyapolitike bitaho kuvura indwara ihanze isi bayifatiye mu mizi batarenzako amaso. Iyo politike abakristu tunebagura ni umuhamagaro w’iteka, ni uburyo bumwe mubundi bwinshi bwo kugendera urukundo kuko yitwararika kurondera no kubungabunga itunga rusangi.” None twebwe iryo tunga rusangi (amabarabara, amasoko, amashure, amavuriro, umuyagankuba, amazi, ibivuye mw’ikori) ndabibungabunga gute?

Ahandi dutumiriwe gutwara umuco w’ Inkuru Nziza ni mugukomeza umuco wo kuganira. Aho dutuye ubwo turafasha abantu gukomeza ikiyago ngo barengere ibibatandukanya? Gukwiza hose Inkuru nziza bijana no gukomeza umuco wo kuyaga: kuyaga n’abadutwara, kuyaga n’abo tudasangiye ukwemera, kuyaga n’abo twinubana kugira ngo twubakire hamwe ibirama.

Turatumiriwe kandi kwitwararika kubumbatira amahoro aho tubaye. Isi ya none irangwamwo intambara n’ubundi bubisha bwinshi. Ni ngombwa ko twitanga kugira ngo ubwami bw’urukundo n’amahoro busasagare. Ekleziya yigisha amahoro ntishobora gushigikira intambara; itegerezwa gufashanya n’abo bose bagomba gukinga indwano aho yoturuka hose. Ukwemera kw’ukuri kwama kujana n’ukurondera guteza imbere isi ngo ibe nziza ukuruta, naho intambamyi zitabuze. Tugumye muri Yezu, mu gisabisho no mw’ijambo ryiwe, tukazigama itegeko ry’Imana tuzoshobora guhaguruka tukaja mu mihana no mu bigwati vya kure tujanye akanyamuneza k’inkuru nziza. Ico gikorwa naho kitabuze intambamyi canke uburuhe, uruhamo rudasigaye inyuma kiratanga akanyamuneza. Umunyamuhari aharanira ubweranda arangwa n’ akanyamuneza akama aririmba ubuzima buva kukwemera kwiwe.

 

Umunsi ugira indwi, ku wa kane igenekerezo rya 22

 

VII. Ingingo nyamukuru:

 

Narashonje, ndanyoterwa, ngenda gusa, ndakena, akazu karambomokerako, ndabura abavyeyi, ndabura abanje, ndarwara, ndashomera, ndabura amahera y’ishuri, ndabura agakaramu k’umwana, …….muranserukako.

Ijambo ry’Imana twozirikana: Mat. 25, 31-46

Ibishobora gukorwa: kuramutsa abarwariye muhira canke mu bitaro (kubaganiriza, kubagemurira, kubamesurira, kuboza….), kuramutsa abatama n’abatamakazi tubana (kubaganiriza, kubavomera amazi, kubasenyera udukwi, kubamesurira,….), kuramutsa abapfunzwe (kubagemurira, kubaganiriza), kuraba ico twofasha impfuvyi n’abapfakazi tubana,…..

 

Umunsi ugira umunani: kuwa gatanu igenekerezo rya 23

 

VIII. Ingingo nyamukuru:

 

Ngirira ikigongwe Mana, kubera ubuntu bwawe, kubw’imbabazi zawe nyinshi, zimanganya ivyaha vyanje.

Ijambo ry’Imana twozirikana: Izab. 50(51: gusaba imbabazi)

Ibishobora gukorwa: Ukwisonzesha, ugushengerera Yezu mu karistiya, ukwirega, ….

 

Gusozera

 

Bavukanyi, mu gusozera, ntitwibagire koKristu ari Umwami yaje kw’isi ngo umuntu wese agire ubuzima bwuzuye. Ubwo nabwo ni ukumenya Mana Data n’ukwakira uwo yatumye Yezu Kristu.

Yezu Kristu nawe yaraduhishutse ko turi abana b’Imana, ari naco gituma ari ngombwa ngo duse nayo. Nkuko twabizirikanye, ishusho y’umukristu mweranda ni ishusho y’urukundo. Yezu yarabiduhishuye aho yavuga abwira abatumwa ati ikizokwereka abandi ko muri abanje ni urukundo. Nimwakunda Imana n’abantu muzoba muri abakristu b’ukuri, aberanda. Ariko kandi tugume

twibuka ko urukundo atari amajambo, ni ibikorwa biboneka vy’urukundo: kugaburira abashonje, kugurana uwugondaniwe, gusuhuza uwurwaye, guhanura uwuri ku nzira ijana mu muriro udahera….None rero murabona ko ubweranda bushoboka naho ari intambara ya buri munsi. Iyo ntambara turazi ko tuzoyitsinda, kuko dusangiye urugamba n’uwatsinze urwanko n’urupfu. Turwana twizeye gutsinda, nkako umukristu atagira umwizero aba asa n’uwapfuye.

Noneho turafise Umwami akomeye.kwemezako Yezu ari Umwami ni ukwemera ko ari n’ubukuru kw’isi no ku biremwa vyose, ni ukwemeza ko agaba ibihe n’imyaka, ko aganza abantu bose mubihe vyose akaba ari we ababeshaho.

Ugukorera ubwami bw’Imana ni ugukunda abantu bose tudacaguye ubwoko, intara, imigambwe n’imiryango, kuko Imana ni uko ikora: ni Umuvyeyi w’abantu bose. Aho abantu baryana, ineza iba iriko irarwanywa ariko no ngaho inema y’Imana iguma isahiriza ngo abantu batsinde akabi kose.

Nimukire akabi rero muri Yezu Kristu!

Tubisubiremwo nkuko twari twarigeze kubibahanura, umunsi mukuru wa Kristu Mwami si ugushaka kwerekana ko Ekleziya ya Yezu Kristu yiganje kw’isi yose, ko ariyo igaba ikaganza, oya namba, ariko ko Ekleziya ihamagariwe kwigisha abantu urukundo rw’Imana.None rero tugire umwete mu gusasagaza Ubwami bwa Kristu kugira ngo urwanko n’amacakubiri bitsindwe.

Benewacu, muririnde gukorera abami babiri, gukorera Imana na shetani. Mwihweze kandi mushishoze mumenye ivyo murimwo uko bimeze, iyo bituruka n’iyo bijana.Twirinde kuvomera zose kuko ntidukekereza urwacu rwaramye: urukundo rw’Imana rwaramye.

Kubw’ibiro vya Diyoseze nkuru ya Bujumbura bijejwe ubutumwa bw’Abalayike.

 

Patiri Jérémie BUKENE

Patiri Arcade NITUNGA

Patiri Jules KUBWIMANA


Current track

Title

Artist