Ekleziya Gatolika y’I Burundi yarungutse Abasaserdoti benshi uyu mwaka

Written by on août 28, 2018

Ekleziya Gatolika mu Burundi yarungutse Abasaserdoti benshi uyu mwaka

 

Amezi abiri yahariwe itorwa arangiye muri Ekleziya Gatolika y’i burundi twungutse Abasaserdoti benshi. Ukwezi kwa Mukakaro na Myandagaro haranzwe ibirori vyo kwatira Abasaserdoti n’ibice bigana iryo banga. Mbega iyatirwa ryabereye  mw’i paruwase iyihe ?Diyoseze yanje twungutse abasomyi bangahe ? Abakorezi bangahe ? Abadiyakoni bangahe ? Abasaserdoti bangahe ? dushimye kubashikiriza igitigiri c’Abagabanye uyu mwaka muri ano mezi abiri.

 

Igitigiri c’Abasaserdoti batiwe muri rino ci mw’i diyoseze Archidiocèse Bujumbura

(paroisse Kinindo 14/7/2018)

Archidiocèse Gitega

(paroisse Kibumbu 21/7/2018)

Diyoseze Muyinga (paroisse Gitaramuka 14/7/2018) Diyoseze Ngozi (paroisse Rwegura 21/7/2018) Diyoseze Bururi

(paroisse Rumeza 21/7/2018)

Diyoseze Ruyigi

(paroisse Butezi 21/7/2018)

Diyoseze Rutana (paroisse Rutana 21/7/2018) Diyoseze Bubanza (paroisse Kaburantwa 25/8/2018)
Ubusomyi (Lectorat) 5 11 7 10 1 11 8 8
Ubukorezi (Acolytat) 12 11 9 9 22 10 8 7
Ubudiyakoni (Diaconat) 10 11 4 4 12 8 4 6
Ubusaserdoti (presbyterat) 10 16 2 4 14 4 5 1

Isamirizi y’Umuvyeyi wacu Bikira Maria ari yo Radio Maria yaragiye irabashikiriza mu makuru hamwe n’Ikibiriraho (en direct) ingene vyagiye biragenda.

Diyoseze zibiri nizo zuguruye ivyo birori akaba ari Diyoseze Nkuru ya Bujumbura na Diyoseze Muyinga ku magenekerezo ya 14 Mukakaro. Kw’i genekerezo rya 21 Mukakaro hakurikira amadiyoseze atanu ca rimwe ariyo Diyoseze Nkuru ya Gitega , Diyoseze Bururi, Diyoseze Rutana, Diyoseze Ruyigi, Diyoseze Ngozi . Igenekerezo rya 25 Myandagaro Diyoseze Bubanza irangiza igikorwa.

Turashimiye Amaparuwase yateguye imanza mu kwakira Abantu benshi bangana n’ibihumbi ,igikorwa kitoroshe gitegurwa hafi umwaka wose kandi gisaba uburyo bwinshi.

Turakeje n’abatiwe , Abasaserdoti bashasha ubu bagiye canke bamaze gutangura ubutumwa aho umwepiskopi yabarungitse.

Ariko rero ntimukangwe n’igitigiri mubona hejuru mwibuke ko ubutumwa ari bwinshi Umukama ati : « ivyimburwa ni vyisnhi abakozi ni bake sabe nyene umurima arungike abakozi mu murima wiwe » Turacakeneye Abasaserdoti iwacu nico gituma duhamagariwe gusabira Abamaze kwatirwa ngo bakomere kw’ibanga dusabira kandi abari muri iyo nzira yo kwiheberimana. 

Ntitwabibagiye namwe babikira mwashikirije indagano zanyu muri rino ci Umukama yatanguye ivyiza muri Ekleziya y’Uburndi nabandanye yuhira.

 


Current track
Title
Artist