nouvelles

Page: 4

Abazokwatirwa mu budiyakoni  muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro niho hazoba ukwatira mw’ibanga ry’ubusaserdoti hamwe n’ubudiyakoni, ivyo birori vyo kwatira bizobera muri paruwase Regina Pacis mu Kinindo muri vicariat ya Bujumbura. Abazokwatirwa mu budiyakoni na Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura amazina yabo ngaya :       Bateranya Alexis avuka ku […]

Abanyamubimbi  murashoboye Icariho c’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru Bujumbura yarahezagiye ingoro y’Imana Ku wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi Ku mutumba muhororo bita kinama ca Mubimbi . Iyo ngoro y’Imana iboneka neza urengana kw’ibarabara rija i Gitega RN1 akaba ari ari isengero ya Succursale Kinama ikukira Paruwase Mubimbi.  Iciyumviro catanguye mu mwaka w’I 1935 niho […]

Inka yatanzwe muri Mariathon yarakiriwe na Radio Maria Ku mutumba BURUHUKIRO, commune Ruyigi ,Province Ruyigi niho haba umushingantahe NDABAHAGAMYE André umukunzi wa Radio Maria yigiye inama yo guterera muri Mariathon akora muvyo atunze agaba inka . kubera yari yagabiwe inka na Musenyeri Yozefu NDIHIRUBUSA uwugabiwe araheza nawe akazokorera nico gituma umutama Andreya yigiye inama n’umupfasoni […]

Calendrier des ordinations sacerdotales et diaconales pour les mois de juillet et d’août La Radio maria Burundi se prépare pour les fêtes de juillet et Août pour cela, La RMB invite ses auditeurs, amis et fidèles de prier pour ces événements qui arrivent bientôt. Voici donc le calendrier des ordinations sacerdotales et diaconales pour les […]

Ukumenyesha Bakunzi ba Radio Maria Burundi Inyuma y’amagenekerezo ya 1,2,3 Ruheshi 2018 duhamagariwe gukora Mariathon ku ma paroisse iwacu , nubu Mariathon irabandanya uku kwezi kwose kwa Ruheshi. Iciza nuko Tworonsa akaryo kuri uwo wese abishaka kwitaba ico gikorwa c’iteka kuri abo bose bashaka kuterera mu kumenyesha inkuru nziza ishike kure. Kuri abo bose bataratangura […]

Ikete rya Papa Francisko rigena Umwungere Mukuru mushasha agira kane wa diyoseze nkuru ya Bujumbura.   FRANSISKO UMWEPISKOPI, UMUSUKU W’ABASUKU B’IMANA, kuri Nyakwubahwa Gerevazi Banshimiyubusa, gushika ubu Umwepiskopi w’i Ngozi, watorewe kuba Umwepiskopi Mukuru w’Idiyoseze Nkuru ya Bujumbura, akira indamutso n’Umuhezagiro w’Abatumwa. Ka musubirizi wa Petero Mweranda, twashatse noneho kugena uwusubira ku Ntebe y’ubwungere ya […]

GUSHIKIRIZA ICESE UMWEPISKOPI MUKURU WA DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA   Ubutumwa bw’umwepiskopi muri diyoseze ni : kuba Umusubirizi w’abatumwa bamwe 12 yezu yatora akabarungika, Umwepiskopi agenwa na papa ubwiwe kanatsinda Ekleziya Gatolika igendera ku mategeko. Itegeko no 377 riradonda ibisabwa kugira ube umwepiskopi : ukwemera gukomeye, imigenzo myiza, umwete mu vy’Imana ubuyobokeramana, ubwitonzi, kwitwararika imitima kuba ufise […]

Ihezagirwa ry’Ingoro y’Imana yo mu basirikare   ku w’Imana igenekerezo rya 29 ndamukiza ,Umwepiskopi mukuru wa Diocèse nkuru y’i Bujumbura Musenyeri Evariste NGOYAGOYE ari kumwe n’icariho ca Papa hano iwacu bakikijwe n’abasacerdoti batari bake yarahezagiye ingoro y’Imana Isengero yubatswe ku kwitanga mu rukundo bafitiye Umukama ngo abe hagati yabo koko. Iryo hema ry’Imana n’abantu ryo […]

IMISA YO GUKENGURUKA Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 ndamukiza muri cathédrale Regina Mundi isaha zitatu n’igice zo mugatondo (9h30), umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yarahereje Inkuka ya misa yo gukenguruka. Muri iyo nkuka y’imisa yo gushimirimana ku myaka mirongo ibiri n’umwe iheze ayoboye diyoseze yacu, Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yarakengurukiye abo bakoranye ubutumwa […]

Diyoseze Nkuru ya Bujumbura B.P 690 Bujumbura Tél : 22 231 476   ITANGAZO RYA DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA   Diyoseze nkuru ya Bujumbura iramenyesheje umuryango w’abakristu bose ko Nyenicubahiro Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru yacu Musenyeri Evariste NGOYAGOYE azohereza inkuka y’Imisa yo gusezera icese abakristu mu butumwa yahorana bwo kurongora Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kuri paroissse Cathédrale […]


Current track

Title

Artist